Uko wahagera

Ugupfa kw’Abana Bavuka n'Abakenyezi Bibaruka mu Burundi


Umusi mpuzamakungu wahariwe kwitaho amagara y'abantu warahimbajwe mu Burundi. Ibitigiri bitangwa n'umugambi ujejwe irondoka mu Burundi rishimikiye ku magara meza, PNSR, vyerekana ko abana ijana na cumi na batandatu ku gihumbi bavuka ku mwaka, bitaba Imana kubera indwara zinyuranye canke kubera kutitwararikwa bikwiye. Abakenyezi bibungenze nabo, amajana umunani na mirongo umunani na batanu ku gihumbi bapfa bariko baribaruka.

Muganga Georges Gahungu atwara umugambi PNSR avuga kw’ingingo umukuru w'igihugu yafahse zo kuvuza abana bari musi y'imyaka itanu n'abakenyezi bibaruka k’ubuntu, zatumye ibitigiri vy’abahora bapfa bitiyongera cane, kubera ko abakenyezi bavyarira kwa muganga biyongereye incuro kabiri, gushika ku bice mirongo ine na kimwe kw'ijana. Ariko ngo ivyo bitigiri vy’abavyarira kwa muganga vyiyongereye k’uburyo butajanye n'ubushobozi bw'ibitaro.

Muganga Georges Gahungu asigura avuga ko hari ibitaro bike, ko ibikoresho bikenye, kandi ko n'abakozi bavura usanga ari bake kandi batavyigiye bikwiye. Naho abakenyezi bavyarira kwa muganga biyongereye, muganga Georges avuga ko ibiharuro bafise vyerekana ko abakenyezi bitura abaganga mu gihe co kwibaruka bikiri hasi cane. Mu mwaka w’i 2005, umukenyezi umwe kuri batanu niwe yavyariye kwa muganga, mu gihe mu mpera z’umwaka w’i 2007 hagiye kwa muganga abakenyezi babiri gusa kuri batanu.

Umuyobozi w'umugambi PNSR yarateye akamo abafasha Uburundi ngo batange kurusha uburyo bwotuma amagara y'abarundi amera neza. Ishirahamwe OAG ryigenga rikurikirana ibikorwa vya reta, riherutse gusohora raporo ivuga ko amagara y'abarundi amerewe nabi, kubera ubukene buri mu banyagihugu. Iyo raporo ivuga ko inyishu y’ico kibazo kwoba ugufasha abarundi kwisununura mu vyerekeye iterambere.

XS
SM
MD
LG