Uko wahagera

Kazoza k’Impfuvyi Ziri m’Ubuhungiro


Impfuvyi ziri m’ubuhungiro zisaba gusigurirwa neza kazoza kazo mu gihe zotahuka mu Burundi. Mu gihe reta ya Tanzaniya n’ishirahamwe HCR biguma bigirisha inama zo kwumvisha impunzi z’abarundi ziri muri Tanzaniya ko hageze ko zihunguka, hari urwaruka rubura ayo rucira n’ayo rumira. Insiguro itomoye tuyisanga mu kiganiro Ejo Bite ? gikurikira :

Benshi muri urwo rwaruka ruri m’ubuhungiro, usanga rwatandukanye n’abavyeyi babo mu gihe co guhunga mu 1993. Hariho abavukiye canke bakuriye inyuma y’igihugu cibarutse abavyeyi b’abo, bigatuma umugambi wo guhunguka bawumva nk’indoto.

Ubwoba bwo kutabona neza umugambi urashe reta itegekanya kubakorera, n’imwe mu mvo zituma urwo rwaruka rutiyumvamwo iciyumviro co guhunguka. TWIZEYEYEZU Dieudonne na HAKIZIMANA Marc, ni bamwe mur’urwo rwaruka twashoboye kuganira :

« Twizeyeyezu avuga kw’ikintu kinini gituma adahunguka ar’uko abavyeyi biwe bahunze mu 72, ubu akaba atazi aho bahunze bava, canke aho itongo ryabo riri. Avuga rero ko mu gihe yohunguka atomenya aho ashikira, bigatuma ategerezwa kurindira no kuraba izindi ngingo yofata. Avuga ko bamuhaye n’ubundi buhungiro yoca yigira ».

« Hakizimana nawe yunganira Twizeyeyezu avuga ati : kwa kweri naje bimeze nk’uko,… Aha ntaho turi, mu Burundi henyewe ntahonzi, nta kibanza mvuga nti aha niho nshobora kuja. Bodufasha bakaturonderera ahantu bungururiza abandi akaba ariho badushira ».

HAKIZIMANA Marc arashima kwumva ko abo bana b’impfuvyi bafashwa bamaze guhunguka. Ariko, ubwoba bw’uko iyo mfashanyo ishobora kuba iy’igihe gito, munyuma ntagire ikintu na kimwe gishobora kumwunganira, bica bimuca intege :

BAR Gervais akora mu gisata ca « Child Protection » kijejwe gukingira abana, mw’ishirahamwe IRC ( International Rescue Commitee). Kubwiwe, hambavu yo kwuzurizwa za mpapuro zidondora kahise k’ubuzima bw’abo, HCR yari ikwiye gushira ahabona umugambi ifitiye urwo rwaruka :

« Hejuru yaho buzurizwa z’irya fiche zidondora akahise k’ubuzima bw’abo, icari gikwiye n’uko nk’abo batazi iyo bavuye, batagira amatongo i Burundi, HCR yari ikwiye gutomora neza umugambi yabateguriye. Nimba ari ugusaba Reta y’Uburundi ikabaha amazina y’abo bana bakazoshika basanga bamaze kubategurira aho bazoshikira, hanyuma nabo nyene bakabibamenyesha, kugira ngo biyumvemwo ko bakwiye guhunguka.

Urwo rwaruka rusaba Reta ya Tanzaniya na HCR kurugarukirako mu gutorera umuti ibibazo vyose biruhagaritse umutima, cane cane muri kino gihe c’ihunguka.

XS
SM
MD
LG