Uko wahagera

PA-Amasekanya kw’ Ihonyabwoko mu Burundi


Umuhari PA-Amasekanya usaba ishirahamwe ONU gukurikirana abagize ihonyabwoko mu Burundi. Diomede Rutamucero arongoye uwo muhari aherutse kwandikira umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban-Ki Moon, amusaba kurengutsa imbere y'ubutungane abagirizwa "ihonyabwoko" mu Burundi.

Ikete ryatangajwe n'umukuru wa PA-Amasekanya rivuga ko mu Burundi habaye ihonyabwoko "ry'abatutsi" kuva mu 1993 n'imbere y'aho. Diomede Rutamucero avuga ubwicanyi bwabaye ku banyeshure b'i Buta, ku banyagihugu b'i Bugendana, i Teza na Ntega-Marangara. Diomede Rutamucero aremera ko hariho n'abahutu bahitanywe n'ubwo bwicanyi, ariko bobo ngo nti bahowe ubwoko.

Umuhari Amasekanya uvuga ko abagize ihonyabwoko mu bihugu vya Congo n'Urwanda bamaze gukurikiranwa, ariko ko mu Burundi ngo "bacidegemvya". Mur'iryo kete ryashikirijwe amaradiyo yo mu gihugu, umuhari PA-Amasekanya uvuga ko ata mahoro ashobora kuboneka abakoze "ihonyabwoko" badakurikiranywe.

Muri kahise, mu 1993 no mu myaka yakurikiye, mu Burundi harabaye ubwicanyi bufatiye ku moko. Abahutu bavuga ko abatusti babamaze, abatutsi nabo bakavuga ko abahutu babamaze. Mur’iki gihe, reta n'inshirahamwe mpuzamakungu ONU bari mu biganiro, kugira ngo itohoza ku vyabaye rikorwe, hanyuma hashingwe sentare mpuzamakungu izohana abakoze ayo mabi adaharirwa, ariko ivyo biganiro bisa n’ibidatera imbere cane.

Umuhari PA-Amasekanya uvugira abatutsi babuze n'abahitanywe n'ubwicanyi, ariko nti wemewe n'amategeko, kandi n’umukuru waryo Diomede Rutamucero yarapfunzwe akatari gake kubera ivyiyumviro vyiwe.

XS
SM
MD
LG