Uko wahagera

Ishirahamwe PAM n'Imfashanyo Zihutirwa mu Burundi


Ishirahamwe mpuzamakungu ritanga imfashanyo z’ibifungurwa mu Burundi PAM rirasaba vyihutirwa imiriyoni mirongo ibiri na zitandatu z'amadorari. Iryo shirahamwe ritakambira amakungu ngo atange izo mfashanyo, kugira ngo rishobore kubandanya kurangura ibikorwa vyaryo mu Burundi ata ngorane.

Mw'itangazo ishirahamwe PAM ryasohoye kw’igenekerezo rya cumi n’indwi mur’uku kwezi, Jean Charles Dei, aserukira iro shirahamwe mu Burundi avuga ko kwakira impuzi z'Abarundi zitahuka ziva muri Tanzania bizogorana cane, mu gihe hatoboneka mu maguru masha imiriyoni zitandatu z'amadorari, n’ukuvuga imiriyaridi zitandatu zirenga z'amafaranga y'Uburundi. Umuvugizi w’ishirahamwe PAM, Isidore Nteturuye, nawe avuga kw’impunzi zigiye gutahuka ari nyinshi, mu gihe ibigega vy'ibifungurwa vyo kuzifasha vyifashe nabi.

Mu Burundi, ku kwezi ishirahamwe PAM risanzwe riha imfungurwa abantu ibihumbi amajana atandatu babangamiwe cane n'inzara. Abo bantu bagwiriyemwo abagore n'abana bari mu bigo Bitandukanye. Hari impunzi z'abanyekongo, abateshejwe izabo, imiryango ibangamiwe n'ikiza ca sida, hamwe n'abana bagaburirwa mu mashule. Kugira ngo ivyo bikorwa vyose bibandanye, ishirahamwe PAM ngo rikeneye imiriyoni mirongo ibiri z'amadorari. Isidore Nteturuye aremeza kw’ibikorwa bitari bike biramaze guhagarara.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika nico ghugu ca mbere gifasha ishirahamwe PAM kurusha ibindi bihugu. Mu mwaka uheze, ngo ico gihugu catanze ibice birenga mirongo itandatu kw'ijana vy'amafaranga iryo shirahamwe ryakoresheje mu Burundi. Ariko mur'uyu mwaka, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zamenyesheje ko zigiye kugabanya biboneka imfashanyo z'ibifungurwa zahora zitanga. Isidore Nteturuye ajejwe ivyerekeye itangazamakuru mur’iryo shirahamwe akavuga kw’iyo nkuru iteye amakenga.

Uretse ibitigiri vy'abatahuka vyiyongereye, ingorane z'amafaranga muri PAM ziterwa n'uko ibiciro vy'ibiribwa ku masoko vyagiye biraduga cane, hafi incuro gatatu, umwimbu nawo ukaba warasubiye inyuma cane, biturutse kw’itituka ry'isi, n'ibirere bitagenze neza. Ikindi gituma hakenerwa amafaranga menshi, n'uko HCR ikorana na PAM imaze amezi ifashe ingingo yo gufashisha umuntu wese atahutse amafaranga ibihumbi mirongo itanu gusa, n’ukuvuga amadorari mirongo ine n'umunani gusa.

XS
SM
MD
LG