Abantu batari bake banonosoye ivyerekeye ubutunzi bavuga ko imirimo ijanye n’ubudandaji mu karere k’I Bulaya iriko iriyongera. Batanga akarorero k’amashirahamwe mashasha y’abikorera ku giti cabo yafatiye akarorero kuri Amerika mu vyerekeye imiromo ijanye n’ubudandaji, ayo mashirahamwe akaba ariko aronka inyungu zikomeye.
Yamara abandi bahinga bavuga ko ibihugu bibiri vy’I Bulaya; n’ukuvuga Ubudagi n’Ubufransa bigikeneye gutunganya neza kurushiriza ubutunzi bwavyo kugira bitume ubutunzi bw’ivyo bihugu bwiyongera nko muri Amerika.
Abahinga batari bake bavuga ko ubutunzi bw’ibihugu vyo mu karere k’I Bulaya bUshobora kuba buriko butera bukomera cane kw’isi. Ubutunzi bw’ibihugu vy’I Bulaya buri imbere y’ubwo muri Amerika mu bisata bikomakomeye. Ibihugu vy’I Bulaya bifise abakozi bize cane kurusha muri Amerika. Igitigiri c’abahinga mu vy’ubumenyi mu karere k’I Bulaya gitera ciyongera mu gihe muri America ico gitigiri gitera kigabanuka. Akarere k’i Bulaya kararuhije Amerika mu vyerekeye gukora imodoka n’amatelephone agendanwa.
Yamara naho ubutunzi bw’ibihugu vy’Ubudagi n’Ubufransa bukomeye cane, bwarikweze mu kwiyongera mu kiringo kigera ku myaka cumi n’itanu. Abahinga batari bake bavuga ko ubutunzi bw’ivyo bihugu bwageramiwe n’uburyo bwinshi buhabwa abatishoboye, amatagisi n’amategeko agenga ubwo butunzi.
Akarorero, gushinga ishirahamwe rishasha rigira imirimo y’ubudandaji mu Bufransa, bifata intambwe zitari nke mu gihe bifata intambwe nkeyi cane muri Amerika. Bishobora gufata amezi atatu ishirahamwe mu karere k’I Bulaya kugira ritangure kurangura imirimo yaryo, yamara bifata imisi mikeyi kw’ishirahamwe ryo muri Amerika.
David Sicilia yigisha kahise k’ivyerekeye imirimo ijanye n’ubudandaji kuri kaminuza ya Maryland avuga ko abanyabulaya batari bake muri iki gihe bumva ko bakeneye gufatira ku karorero ka Amerika ku vyerekeye ubutunzi bw’ibihugu vyabo kugira babandanye guhiganwa ku masoko mpuzamakungu yo muri iki gihe.