Uko wahagera

Abarundi Barabandanya Guhunguka


Impuzi z’abarundi amajana abiri na mirongo itanu zari zitezwe gushika i Mabanda mu ntara ya Makamba, k’urubibe Uburundi buhana n’igihugu ca Tanzania, kw’igenekerezo ry'icenda ry’uku kwezi.

Abo bantu batahuka, baronswa imfashanyo ya HCR ishobora kubatunga mu kiringo c’amezi atandatu. Barongera bagahabwa ibikoresho vyo mu nzu; amasuka, n'ibifungurwa. Umugambi PARESI ukorana n’ishirahamwe HCR wategerezwa kubashikana iyo bahunze bava, ariko hari ingorane z'abatacibuka canke batazi iyo abavyeyi babo baturuka.

Abantu batacibuka iyo bahunze bava babashikiza mu birwati babubakiye mu Rumonge ni Muyinga, ariko hari aho inzu ziba nke nti bakwirwe. Ikibazo co kwakira abantu bahunguka kiracagoranye, kubera uburyo buke.

Reta ya Tanzania yahaye Uburundi ikiringo c’ amezi atandatu yo mu ntango z'uyu mwaka, ngo buzobe bwahejeje gutahukana impuzi zirenga amajana abiri zikiri muri Tanzania.

XS
SM
MD
LG