Uko wahagera

Abarongoye Urwego rw'Inama Nshingamateka mu Burundi


Irene Inankuyo yasubiriye Alice Nzomukunda mu gwego rw'abarongoye Inama Nshingamateka y'Uburundi. Abashingamateka mirongo umunani n'umwe bitavye ibikorwa vy'Inama Nshingamateka kw’igenekerezo rya gatanu ukwezi kwa gatatu, bemeje ko Irene Inankuyo asubirira Alice Nzomukunda mu kibanza c'icegera ca mbere c'umukuru w'Inama Nshingamateka.

Igikorwa co kurondera umushingamateka asubirira Nzomukunda caragoranye cane, bivuye ku kutumvikana kuri hagati y'abashingamateka bo mu mugambwe uri k'ubutegetsi n'abandi, cane cane abo mu mugambwe FRODEBU. Amatora yabaye bimaze kugaragara ko abashingamateka bo mu mugambwe FRODEBU bacanyemwo kur'ico kibazo. Leonce Ngendakumana, umukuru w'umugambwe FRODEBU yari amaze indwi zibiri abuza abashingamateka biwe kwitaba ibikorwa vyo gutora uwusubirira Alice Nzomukunda. Ngendakumana yasaba abarongoye umugambwe uri k'ubutegetsi kubanza kuganira n’abategeetsi b’umugambwe FRODEBU.

Hari abashingamateka icenda bo mu mugambwe FRODEBU barenze ku ngingo y'umukuru w'umugambwe n'urwego rurongoye umugambwe, baritaba ibikorwa vyo gutora uwusubirira Nzomukunda. No mur’ico gihe igitigiri gikenewe c'abashingamateka mirongo indwi n'umunani nti cashoboye gukwira. Leonce Ngendakumana yabwiye abamenyeshamakuru ko umugambwe uri k'ubutegetsi uriko ugira uko ushoboye kwose kugira ngo uronke igitigiri gikwiye c’abashingamateka. Ku musi wa gatatu igenekerezo rya gatanu ry’uku kwezi kwa gatatu, abashingamateka mirongo umunani n'umwe bari bitavye inama mu Kigobe, bose batoye umushingamateka Irene Inankuyo.

Ikibazo kiri mur’iki gihe, n’uko umushingamateka Didace Kiganahe yakuwe mu mugambwe FRODEBU, abandi icenda Nabo bakaba bashikirije umukuru w'umugambwe urwandiko ruvuga ko bavuye mu mugwi w'abashingamateka bakkomoka mu mugambwe FRODEBU. Leonce Ngendakumana yabwiye abamenyeshamakuru ko batagifise uwubaserukira mu biro vy'Inama Nshingamateka, kuko uwahora abaserukira Didace Kiganahe yakuwe, bgatuma batagikwije abashingamateka mirongo ibiri na batanu basabwa kugira umugambwe uje mu Nama Nshingamateka.

Igikorwa ca kurikiye amatoro y’umushingamateka asubirira Alice Nzomukunda, cabaye ico kwemeza abashingamateka baserukira Uburundi mu Nama Nshingamateka y’ibihugu bigize ishirahamwe ry’ibihugu vyo m’ubuseruko bwa Afrika. Bose hamwe ni icenda, ariko kandi iighe bemezwa, hari abandi icenda bari basohotse, bavuga kw’ico gikorwa kitisunze amategeko. Abo basohotse bavuga ko mu bemejwe benshi batatanzwe n'imigambwe. Alice Nzomukunda asimbuwe inyuma y'uko akuwe mu mugambwe CNDD-FDD.

XS
SM
MD
LG