Uko wahagera

Ikigo co Gutumatumanako Amakuru i Muyinga


Igihugu c’Ubufransa giherutse kwuguruza ikigo co gutumatumanako amakuru i Muyinga m’uburaruko bw’Uburundi. Kw’ igenekerezo rya gatatu, mur’uku kwezi turimwo, Gilles Vaubourg, umuhanuzi mu biro vy'uwuserukira Ubufransa mu Burundi afadikanije na Bon Schack atwara ishirahamwe HCR mu Burundi, barashikirije abanyamuyinga inyubakwa irimwo ivyuma bigezweko vyo gutangaza amakuru.

Izo mashine zizofasha abanyamuyinga bose bavyipfuza, ariko mu bisanzwe zagenewe abantu bahungutse. Uretse ukworohereza abantu mu vyo guhanahana amakuru, hazotangwa n’inyigisho zijanye n'ubwo buhinga, ku giciro kiri hasi cane c’amadorari mirongo ibiri n'indwi, ku madolari mirongo indwi n'abiri asabwa ahandi.

Itangazo ryasohowe n’ibiro vy’uwuserukira Ubufransa i Bujumbura kw’igenekerezo rya kane mur’uku kwezi, rimenyesha ko igikorwa nk'ico kimaze kurangurwa mu ntara za GItega, Ruyigi na Makamba. Ubufransa ngo bumaze kurangura uwo mugambi mu bihugu cumi na kimwe vyo m’ubumanuko bwa Afrika.

XS
SM
MD
LG