Uko wahagera

Ihagarikwa ry’Ishirahamwe Medecins Sans Frontiers mu Burundi


Kubona imigambi y’ishirahamwe ry’abaganga batagira aho bimiriwe, baturuka mu gihugu c’Ububirigi ihagarikwa, mu ntara ya Karuzi, bituma abarundi bagira umwizero muke kw’iterambere ry’amagara y’abantu. Nivyo tugiye kubiganira mu kiganiro c’urwaruka « Ejo Bite ? »

Inyuma y’imyaka cumi n’ine abaganga b’ishirahamwe Medecins sans Frontiers bari bamaze mu ntara ya Karuzi, ubu bafise amakenga kw’amagara y’abanyagihugu bo mur’iyo ntara agiye gusubira inyuma. Mu myaka cumi n’ine bari bamaze mur’iyo ntara, ibiciro vyo kwivuza mu mavuriro no mubitaro vyaragabanutse kuva ku mafaranga ibihumbi bibiri gushika ku majana atatu ku bantu basanzwe, no kuri gusa kuri ba ntahonikora. Ako n’akarorero kamwe mu turusho turi mu cegeranyo c’ivyaranguwe n’ishirahamwe ry’abaganga b’ababirigi batagira aho bimiriwe. Inkurikizi nazo, ngo n’uko abantu barenga 150 % biyongereye ku mwaka, ku bari bitezwe ko bazoja kwivuza, nk’uko ibiharuro vyo gushika mu mwaka w’ibihumbi bibiri na gatandatu bivyerekana.

Muganga Kamwenubusa Godefroid arongoye intara y’ubuvuzi ya Karuzi, yamenyesheje kw’igitigiri c’abakiri bato baja kwa muganga igihe bagwaye ciyongereye incuro kabiri mur’iyo myaka abo baganga bakorera mur’iyo ntara. Ku ruhande rw’ishirahamwe MSF Belgique, gusubira kurihisha amahera y’umurengera ku bitaro n’amavuriro, birashobora gusubiza inyuma amagara y’abantu mur’iyo ntara. Insiguro y’ubukene mu miryango, ni yo nsiguro itangwa na Fabio Pompetti yahora arongoye MSF Belgique mu Burundi. Atanga akarorero ku ngwara ya malariya yahitanye abantu barenga igihumbi, muri Kigarama mu mwaka w’ibihumbi bibiri, bagwiriyemwo ahanini urwaruka rwo mu miryango atako yifashe. Muganga Fabio Pompetti yerekana amakenga afise avuga ati:

Kuba twarashoboye kugira intambwe mur’iyi ntara yahebwe, vyerekana ko twagize intambwe y’akarorero mu gihugu cose. Ndazi ko ingingo itumvikana yafashwe, yerekeye gusubira kurihisha abantu amafaranga y’umurengera igihe tuzoba tutakiri ngaha, ar’ingingo ibateye amakenga, n’ingingo natwe tudatahura.

Ubukene bw’amashirahamwe mato mato yo kwiteza imbere buri mu bizotuma urwaruka rwi Karuzi rubura uburyo bwo kwivuza, inyuma y’ihagarikwa ry’imigambi y’ishirahamwe ry’abaganga ataho bimiriwe MSF Belgique. Imvo zituma urwo rwaruka rutoroherwa mu gushinga amashirahamwe ni nyinshi. Odette Nijimbere, umupfasoni arongoye umutumba wa Buhiga, amenyesha ko kubura umutahe, ari intambamyi ikomeye. Kuzera uburyo bwo kwivuza mu burimyi gusa n’izindi ngorane. Kubura amatongo akwiye mu miryango, bituma urwaruka rutegerezwa kuja guca ingero. Immaculee Nizigiyimana twasanze ku bitaro vyi Buhiga mu ntara ya Karuzi, avuga ko yashoboye kuvuza mutoyi wiwe akitswe n’amagara, kubera ko amaze igihe arima bakamuhemba amahera amajana atanu ku munsi. Izindi ngorane zituruka ku kirere, zituma umwimbu uba muke. Anicet Bigirimana, umuyabaga yatuyagiye, avuga ko ici n’agatasi bisigaye bihindagurika k’uburyo bituma ataco yimbura. Avuga rero kw’ibisigaye bishobora kumufasha ari imyuga n’amashirahamwe:

«Iyo haba hari amashirahamwe, nk’ ishirahamwe ryo gusudira, umuntu agasudira, ishirahamwe ryo kubarira, umuntu akabarira, ishirahamwe ryo kubaza, umuntu akabaza, canke ishirahame ryo guhanahana ingurane yo kudandaza…»

Kuva mu ntango z’uyu mwaka, ubuvuzi mu ntara ya Karuzi, ni igisata casubiye mu minwe y’Ubushikiranganji bujejwe kwitaho amagara y’abantu, bubifashijwemwo n’ishirahamwe ry’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya.

XS
SM
MD
LG