Uko wahagera

Kunywanisha Urwaruka mu Burundi


Iciyumviro c’iradiyo Ijwi rya Amerika co kuywanisha urwaruka rwahungutse n’urwasigaye mu Burundi biciye mu nkino, kirashigikiwe n’abato n’abisumbuye bo mu ntara ya Makamba. Ingene uwo mugambi ushigwa mu ngiro nivyo tugiye kubasigurira mu kiganiro Ejo Bite? gikurikira.

Abato n’abisumbuye bagereranywa mu 4000, ni bo bitavye urukino rwa nyuma rw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru ryabaye ku w’Imana igenekerezo rya 17 mur’uku kwezi kwa kabiri. Iryo higanwa ryatunganijwe n’iradiyo Ijwi rya Amerika, ifadikanije n’intara ya Makamba. Komine za Kayogoro na Makamba nizo zahuye muri urwo rukino, zihiganira igikombe citiriwe « Ejo Bite? », izina ry’ikiganiro giha ijambo abakiri bato. Umugwi wa Kayogoro ari nawo watahukanye igikombe, ku bitsindo indwi ku busa bwa Mabanda, ugizwe ahanini n’imiyabaga yahungutse.

Twibutse ko ayo mahiganwa yari yahuje komine zine zimaze kwakira abahungutse gusumba izindi. Nazo n’i Nyanzalac, Mabanda, Makamba na Kayogoro.

Abarorerezi co kimwe n’abakinyi barakenguruka cane igikorwa c’iradiyo Ijwi rya Amerika. Ahmadi umurorerezi na Patrick Mukozi, umukinyi wa Kayogoro, basaba ko inkino bene izo zogwizwa.

Twosaba ko inkino nk’izi boza baragira nyinshi nyinshi kugira zize ziratunywanisha n’abandi bo mu zindi ntara. Hari nk’abantu tutazinanyi twoshobora kumenyana. Kandi n’abandi bana bato bato batarashobora kuronka inguvu zo gukina, bashobora kubamenyereza bakabafasha gushika aho nabo bazoshika aho dushitse.

Ukunywanisha imiyabaga yahungutse n’iyagumye mu gihugu nico civugo c’iryo higanwa. Robert Daguillard umukuru w’igisata c’Ikirundi n’Ikinyarwanda kuri iyo radiyo Ijwi rya Amerika ifise icicaro i Washington DC muri Amerika, avuga ko umupira w’amaguru witabwa n’abantu benshi. Umwizero w’uko ico gikorwa cashitse ku ntumbero yaco urahari. Cyriaque Kabura, umuhanuzi wa Buramatari w’intara ya Makamba, aremeza ko inkino ziza imbere mu bijanye no kugarukana amahoro no gufasha kwibagira ivyiyumviro bibi. Ivyo abivuga afatiye ku munezero w’abarorerezi. Izo nkino zirakomeza ubumwe mu rwaruka. Patrick Mukozi, umukinyi yaserukiye komine Kayogoro avuga ko yunga ubucuti n’abantu atari asanwe azi mu gihe ariko arakina. Reveriyano Ndikuriyo umushingamateka aserukira intara ya Makamba akaba yahoze anayirongoye, asaba ko urwaruka Burundi bw’ejo rwogira umutima w’urukundo avuga ati:

Akamo twotera urwaruka ni ukwo rwomenya y’uko iki gihugu c’Uburundi ari icarwo. Bakamenya y’uko ejo ari bo bazoba bakirongoye, bagakundana kuko urukundo ari rwo rwubaka. Avuga ati murazi kuva twikukiye ingorane twagiye turacamwo. Urwaruka rero tworuhanura ko rwosubira kugira umutima w’urukundo, rugakunda bene wabo bavuye mu gihugu ca Tanzaniya, bakabana neza, bakubaka igihugu cabo uko bukeye uko bwije.

Ku bwa Robert Daguillard, atwara igisata c’Ikirundi n’Ikinyarwanda kw’Ijwi rya Amerika, ugufata k’urugero rumwe abantu bo mu bitsina bitandukanye niyo mvo yatumye imigwi y’abigeme iterwa iteka mu gutumirwa mur’ayo mahiganwa. Urukino rw’imiyabaga y’abigeme ni rwo rwuguruye ihiganwa, kandi nibo batahukanye imidari y’inzahabu n’iy’umwakaka.

Mu gihe inkino nk’izo zoba zifiteye akarusho igihugu, icipfuzo nyamukuru ngo n’uko amahiganwa yabaye ku ma genekerezo ya 15, 16 na 17 ukwezi kwa akabiri mur’uyu mwaka, mu ntara ya Makamba, yotunganywa no mu zindi ntara z’igihugu. Robert Daguillard atwara igisata c’Ikirundi n’Ikinyarwanda kw’Ijwi rya Amerika ashima ingene ayo mahiganwa yagenze avuga ati:

Mu gihe abategetsi b’Uburundi bobishaka, haba ngaha i Makamba, mu zindi ntara z’igihugu canke mu gisaga ca Bujumbura, nta cobuza ko tubitunganya. Ndanezerewe cane n’ukubona ingene iri higanwa ryagenze neza

Ayo mahiganwa yahuye n’imyaka itandatu irangiye ikiganiro « Ejo Bite? » gitanguye guha ijambo urwaruka kw’Ijwi rya Amerika. Ikiganiro Ejo Bite? cumvikanira kandi ku maradiyo, Isanganiro kabiri mu ndwi, n’Ijwi ry’abanyagihugu RPA, avugira mu Burundi, hamwe no kuri Radiyo Kwizera ivugira mu gihugu ca Tanzaniya.

XS
SM
MD
LG