Uko wahagera

Kwitaho Ikibazo c’Ibidukikije mu Burundi


Ishengero ry’aba Anglikani ryijukiye ibidukikije mu Burundi, Abarongoye iryo shengero baherutse gutanguza umugambi wo gukingira ibidukikije. Iryo shengero ryiyemeje gutera ibiti imiriyoni icenda ku mahegitari atandatu, mu myaka itatu iri imbere.

Uwo mugambi uzorangurwa mu gihugu cose, aho iryo shengero rifise diyoseze. Mur'uwo mugambi, ishengero ry’aba Anglikani ritegekanya kuzokoresha amafaranga y'ishirahamwe CHRISTIAN AID. Rimaze guha akazi abagoronome batandatu bazorangura ico gikorwa bafadikanije n'abanyagihugu benshi nabo nyene bazohabwa akazi.

Abarongoye ishengero ry’aba Anglikani bavuga ko ibidukikije vyatitutse cane mu Burundi, bigatuma abakirisu n'abandi barundi baja mu bukene bukomeye. Uretse gutera ibiti, ngo bazotanga inyigisho zijanye n'ibidukikije mu masengero no mu mashure yegukira iryo shengero.

Fabien Sinankwakure, umuhanuzi mwishikira mu bushikiranganji bujejwe ibidukikije, arashima uwo mugambi agasaba n'abandi kwitwararika ibidukikije.

XS
SM
MD
LG