Uko wahagera

Umutekano Muke mu Rugazi, mu Ntara ya Bubanza


Mu Rugazi, mu ntara ya Bubanza, abaporisi batatu barishwe mw'ijoro ryo ku wa mungu buca ari ku wa mbere igenekerezo rya 25 z’uku kwezi.

Abantu bitwaje ibigwanisho barateye urugo rwa musitanteri wa Komine Rugazi aba ku Muzinda mu Ntara ya Bubanza. Mur'ico gitero, abaporisi batatu bacungera ubuzima bwa musitanteri barishwe, umuporisi umwe arakomereka hamwe n'umunyagihugu yari yahatse indaro.

Ico gitero cabaye isaha zitandatu z'ijoro, cakurikiye ubusuma bwagizwe mu miryango itari mike, kandi abajejwe intwaro bagiriza umuhari Palipehutu-FNL. Abateye bagiye batwaye n'inkoho zitatu.

Mu ntara ya Bubanza hama havuzwe ibitero vy'abantu bitwaje ibigwanisho, kandi kenshi na kenshi bikagirizwa umuhari Palipehutu-FNL. Iyo ata Bantu bapfuye mur’ivyo bitero, imiryango irasahurwa canke abantu bakagigwa imbohe. Umuhari Palipehutu-FNL ufise ivyicaro vyinshi mur'iyo ntara.

XS
SM
MD
LG