Uko wahagera

Perezida w’Uburundi Aragabisha Abamenyeshamakuru


"Abemenyeshamakuru basigaye barangwa n'ingendo n'imvugo yo muri kahise, yo kubesha no guteranya. Ni bateshwe bate...". Ayo majambo ari mw'ijambo umukuru w'igihugu, Petero Nkurunziza, yashikirije abashingamateka n'abakenguzamateka, ku musi wa kane igenekerezo rya 21 ukwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka, mu nama y'amakoraniro mu Kigobe.

Ku bw'umukuru w'igihugu ngo abamenyeshamakuru bamwe bamwe atavuga amazina barashikuza mu gutanga inkuru. Abandi ngo batera ubwoba abanyagihugu canke ngo batanga inkuru atari zo. Perezida Nkurunziza yaragabishije abo bamenyeshamakuru arko nti yatomoye neza ibihano bazoronka.

Ayo majambo aguma aca kuri tereviziyo y'igihugu imbere y'amakuru. Umukuru w'urwego rukuru rw'igihugu rujejwe itangazamakuru nawe yavugiye kuri tereviziyo y'Uburundi kw’igenekerezo rya 20 ry’uku kwezi ka kabiri, ko urwego arongoye rushigikiye ivyo umukuru w'igihugu yavuze, aca asaba amaradiyo n'ibinyamakuru kwibuka amategeko agenga umwuga w'itangazamakuru.

Perezida w'Uburundi ntavuga amakosa yakozwe ayar’iyo ariko ayo majambo avuzwe iyuma y'aho umuhanuzi wo mu biro vya Perezida, Melchior Wagara, yitwariye umumenyeshamakuru, Eric Manirakiza wa radiyo RPA. Uwo mumenyeshamakuru aramaze kurengutswa kabiri imbere y'ubutungane mu ndwi zibiri ziheze. Urubanza rw'abamenyeshamakuru babiri n'abayobozi babiri b'amaradiyo yingenga narwo nyene rurabandanya.

Mu kiganiro umugambwe CNDD-FDD uri k'ubutegetsi uherutse guha abanditsi n'abamenyeshamakuru, wavuze ko hariho amaradiyo badatomora, ariko akora nka radiyo "Milles Collines" yo mu Rwanda, nk'uko vyavuzwe n'umuvugizi w'uwo mugambwe Onesime Nduwimana. Abamenyeshamakuru cane cane abo mu maradiyo yigenga bavuga ko batarabwa ryiza n'ubutegetsi kubera ko badoma urutoke ku makosa akorwa n'ubutegetsi.

XS
SM
MD
LG