Uko wahagera

Inyuruzwa ry’Itunga rya Reta muri Duwane y’Uburundi.


Umukozi wa Duwane yarasahuye imiriyoni zirenga amajana abiri aca arahunga. Jean Pierre Kameca, umukozi yatoza amafaranga kuri duwane y’aho bita ku Kanyaru, ku rubibe Uburundi buhana n'Urwanda, amaze imisi atawuzi irengero ryiwe.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe ikigega ca reta, Bwabo Donatien, yabariye abamenyeshamakuru ko haheze indwi bamenye k’uwo mukozi wa Duwane yatwaye amafaranga arenga imiriyoni amajana abiri y’amarundi. Bwabo Donatien avuga kandi ko uwo mukozi wa duwane yari amaze amezi atandatu adatanga raporo y'amafaranga atoza mu buyobozi bukurikirana ivyo amahera. Ivyo vyatumye Bizimana Ildephonse batazira Abdhala ahagarikwa ku kibuga c'indege ca Bujumbura, ku musi wa gatandatu italiki ya 16, ukwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka, avuye mu rugendo rw’akazi mu gihugu ca Mali. Bizimana Ildephonse niwe yari umuyobozi ajejwe ivyerekeye amahera mu bushikiranganji bw'ikigega ca reta.

Acururuka indege Bizimana yakiriwe n'abacamanza ba sentare icira imanza abarya ibiturire, baca bamujana kumupfungira mu giporisi. Mu bushikiranganji bujejwe ikigega ca reta bamwagiriza ko afise uruhara rukomeye mur’iryo nyuruzwa ry’amahera ya duwane, kuko ngo nta kuntu amezi atandatu ashobora guhera ata raporo n’imwe itanzwe, hanyuma nti hagire ikivugwa, kandi iyo raporo yategerezwa gutangwa uko ukwezi gutashe.

XS
SM
MD
LG