Uko wahagera

Igikorwa co Gusaka Ibigwanisho mu Burundi


Uburyo bwo gusaka ibiwanisho mu Burundi, n’ikibazo kidahuriweko n’inzego z’igipolisi n’iza gisirikare. Inkoho cumi z'ubwoko bwa Kalashinikov, amagrenade menshi n'impuzu za gisirikare, nivyo vyafatiwe muri karitiye ya mbere n’iya kabiri, mu Nyakabiga, mu gisagara ca Bujumbura, mu gikorwa c'abaporisi cabaye mu gitondo co ku musi wa kabiri, igenekerezo rya cumi na kabiri, ukwezi kwa kabiri, umwaka wi 2008.

Umuvugizi w’ugwego gw’igiporisi yavuze kw’ico gikorwa cagenze neza, kandi ko cakozwe bisunze inkuru zatanzwe n'abanyagihugu. Abanyagihugu bamwe baganiriye n'Ijwi rya Amerika bavuze ko badashima uburyo bakwa inkoho ku nguvu, mu gihe umuhari Palipehutu-FNL ukibandanya intambara, no mu gihe ubusuma bw'abitwaje ibigwanisho butera bwiyongera.

Ico gikorwa co kwaka ibigwanisho kimaze kurangurwa mu ma karitiye ya Kamenge, Kinama, Cibitoke na Kanyosha, mu gisagara ca Bujumbura. Ico gikorwa kirangurwa n’abapolisi, mu gihe hariho umugwi w'igihugu ujejwe gukura ibigwanisho mu banyagihugu, wishimikije ugushaka kw'abafise ivyo bigwanisho.

Inyuma y'isakwa ry'ibigwanisho ryabaye muri karitiye ya kabiri mu Ngagara mu gisagara ca Bujumbura, icagaragaye n’uko umuvugizi w'ugwego gw’igiporisi n'umuvugizi w'ugwego gwa gisirikare batavuga rumwe kur'ico kibazo.

Mu gihe umuvugizi w'ugwego rw’igiporisi avuga ko ico gikorwa cagenze neza, umuvugizi w'ugwego rw’igisoda avuga ko hakozwe amakosa mu kwaka ibigwanisho abo bita abakutsa kivi, ni ukuvuga abakuwe mu gisoda kubera imyaka yabo irenze ico gikorwa. Colonel Adolphe Manirakiza yavuze kw’abo bantu bafise uburenganzira bwo gutunga ibigwanisho n'ibindi bikoresho vya gisirikare, nk'imyambaro n'ibindi. Colonel Adolphe Manirakiza avuga kandi ko hariho n'abandi banyagihugu bafise ibigwanisho bahawe n'igisoda kandi babifitiye impapuru.

Mur'iryo sakwa ryo mu Ngagara, hafashwe inkoho zitandatu z'ubwoko bwa kalashinikov, ibasitori n'imyambaro ya gisirikare. Ikaritiye ya kabiri yo mu Ngara ibamwo abahoze mu gisoda benshi, cane cane intwazangabo.

Iyo igiporisi gisatse, gitwara ibigwanisho ku neza canke ku nguvu aho kibizanze hose. Umuvugizi wa gisirikare asaba rero ko igisirikare cogishwa inama mur'ico gikorwa.

XS
SM
MD
LG