Uko wahagera

Presida w’Uburundi kw’Ijwi rya Amerika m’Urugendo Yarimwo i Washington


Presida w’Uburundi, Petero Nkurunziza, yaratanze ikiganiro kw’iradiyo Ijwi rya Amerika, igihe yari mu rugendo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Presida Nkurunziza yari yatumiwe mu gisabisho gihuza abategetsi b’imihingo y’isi yose, aho baca baboneraho akaryo ko kugira imibonano n’abategetsi bo mur’ico gihugu.

Ku musi wa gatanu igenekerezo ry’umunani ry’ukwezi kwa kabiri, ku muhingamo, imbere y’uko abonana n’abarundi baba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Presida Nkurunziza yarahaye ikiganiro umumenyeshamakuru Frederic Nkundikije, baganira ku vyerekeye urugendo rwiwe hamwe n’ibindi bibazo bitandukanye biraje ishinga Uburundi. Ivyo bibazo birimwo ikibazo c’umutekano, ikibazo c’ ibiturire hamwe n’ikibazo c’ubutungane.

Presida Nkurunziza avuga ko yanezerejwe n’inama yagiranye n’abategetsi bo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, akaba rero abona ko hari akizero ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zizofasha abarundi mu migambi yabo yo gufatana munda; gutsimbataza amahoro, hamwe no mu bikorwa vy’iterambere.

Presida Nkurunziza yarashimagije imigambi reta yiwe imaze kurangura, yamara yarongeye aremera ko hari imigambi reta yiwe yari yiyemeje gushikako ariko itarashobora kurangura.

Ku vyerekeye ruswa hamwe no kunyuruza umutungo w’igihugu, Presida Petero Nkurunziza avuga ko reta yiwe iriko irakora ibishobotse vyose, kugira ngo ihane ba Kaboko. Presida Nkurunziza arahakana ibirego bivuga k’ubutungane bwo mu Burundi butigenga.

Ido n’ido ry’ibibazo umumenyeshamakuru Frederic Nkundikije yabajije Presida Petero Nkurunziza mushobora kubikurikirana mur’iki kiganiro gikurikira:

XS
SM
MD
LG