Uko wahagera

Ibikorwa vy'Inama Nshingamateka vyatanguye Umwaka mu Mpari


Ibikorwa vy'Inama nshingamateka vyatanguye kw'igenekerezo rya kane ry’ukwezi kwa kabiri bisa n’ibidatera imbere, kubera impari.

Umugambwe CNDD-FDD usaba ko ushira umuntu mushasha mu kibanza c'icegera ca mbere c'umukuru w'Inama nshingamateka, ariko iyindi migwi y'abashingamateka isa n'uko itemera ikurwa rya Alice Nzomukunda.

Pierre Claver Nahimana arongoye umugwi w'abashingamateka bo m’umugambwe FRODEBU avuga ko vyibonekeza ko impari zizotwara umwanya mure mure, kuko hariho n'ikindi kibazo batumvikanako. Ico naco kikaba ari igenwa ry'umugwi w'abashingamateka bokurikiranira hafi ibiganiro hagati ya reta n'umuhari Palipehutu-FNL. Abashingamateka bo mu mugambwe CNDD-FDD nti bemera uwo mugwi.

Mu mwaka urangiye, Inama,nshingamateka yaranzwe n'impari nyinshi cane za poritike, zatumye amategeko menshi adatorwa. Pierre Claver Nahimana abona ko n’ubu bisa n'uko ariko bizogenda.

XS
SM
MD
LG