Uko wahagera

Uwusubirira Alice Nzomukunda mu Nama Nshingamateka


Umukuru w'umugambwe CNDD-FDD, Jeremie Ngendakumana, aherutse kumenyesha ko umugambwe arongoye wamaze kwandikira ibiro vy'Inama nshingamateka, usaba ko Alice Nzomukunda yosubirizwa n'uwundi mushingamateka, kubera ko atakiri mu mugwi w'abashingamateka ba CNDD-FDD.

Jeremie Ngendakuma asigura ko amategeko ngenderwako yo mu nama nshingamateka mu ngingo ya mirongo ibiri na kabiri atomora neza ko icegera ca mbere c'umukuru w'Inama nshingamateka atakaza ikibanza igihe yikuye, yagirijwe amakosa akomeye, canke avuye mu mugwi w'abashingamateka wo mu mugambwe wiwe.

Alice Nzomukunda yakuwe mu mugambwe n'inama y'umugambwe CNDD-FDD iherutse kubera i Muyinga mu buraruko bw'Uburundi. Ico gihe Alice Nzomukunda yari mu rugendo, mu bikorwa vy'akazi, mu gihugu c'Ububirigi. Akivyumva, Alice Nzomukunda yaranse kwemera iyo ngingo, aca avuga ko agiye kwitwarira umugambwe, kuko ngo atahawe n'umwanya wo kumvirizwa.

Abari mu barongoye umugambwe CNDD-FDD bavuga ko Alice atari agikurikiza ingendo y'umugambwe, ariko wewe abona ko akuwe kubera ''atarya umunwa mu kudoma urutoke ku makosa y'umugambwe n'abawurongoye.

XS
SM
MD
LG