Uko wahagera

Igitigiri Umurengera c'Abana b'Impfuvyi mu Burundi


Mu gihe c'imyaka irenga cumi Uburundi bwamaze mu ntambara, ibitigiri vy'abana b'impfuvyi vyagiye biriyongera. Ibiharuro vy'abana b'impfuvyi bitangwa n’ishirahamwe Unucef, bikongera bikemezwa n'ubushikiranganji bujejwe kugwanya ikiza ca Sida mu Burundi, ni ibihumbi hafi amajana umunani na mirongo ine, n’ukuvuga ibice birenga 11% vy'Abarundi bose. Mur'abo, ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu ngo bafise umugera wa Sida, ibihumbi birenga mirongo itatu nabo ngo ni impfuvyi zireze izindi mpfuvyi nk'uko tubisoma mu maraporo y’ishirahamwe Unicef.

Abakenguzamateka, abashingamateka n’abarongoye ishirahamwe Unicef bariko baragendera abarongoye abandi mu ntara no mu makomine y’Uburundi, mu ntumbero yo kurabira hamwe icokorwa kugira ngo ingorane z'abo bana zitorerwe umuti. Izo ngorane nazo zikaba zerekeye agateka kabo gahonyangwa; ahanini mu vyerekeye ukutivuza, ukutaja mw'ishure kubera ubukene bw'ibikoresho no kudafungura bikwiye. Ibitigiri vy'abana b'impfuvyi vyiyongereye kubera intambara, ikiza ca sida n'ubukene.

Inyishu zitangwa n'ishirahamwe Unicef ngo n'uko abategetsi n'abandi bantu bokwama na ntaryo bitwararika gufasha impfuvyi n'abandi bana ba ntahonikora. Abarongoye za komine baremeza kw’abo bana ari ba ntahonikora koko. Ariko barongera bakavuga ko n’imiryango ata karusho ifise, kuko ubutunzi bw’amakomine babamwo ata kuntu bwifashe. Umuhinga akurikirana ico kibazo m’ubushikiranganji bujejwe agateka ka zina muntu, aremeza ko hariko harategurwa poritike itomoye, ariko ngo igikenewe n'uko hotunganywa umugambi wo kugwanya ubukene.

XS
SM
MD
LG