Uko wahagera

Alice Nzomukunda Yarakuwe mu Mugambwe CNDD-FDD


Inama idasanzwe y'umugambwe CNDD FDD yakoraniye i Muyinga m’uburaruko bw'Uburundi kw’igenekerezo rya 26/01/08 yarakuye mu mugambwe abantu batatu. Presida Petero Nkurunziza umukuru w'igihugu c'Uburundi yari yitavye iyo nama.

Alice Nzomukunda, asanzwe ari icegera c'umukuru w'Inama nshingamateka y’Uburundi; Denise Sinankwa, yahoze ari umushikiranganji w'ikigega ca reta; n'umukenguzamateka Jean Marie Rugira, bakuwe mu mugambwe mu nama yakoranye ata mumenyeshamakuru yumva. Ariko inkuru zitangwa n'abari mur'iyo nama, zivuga ko abakuwe mu nama nshingamateka bagirizwa amakosa akomeye. Ikizwi n'uko Denise Sinankwa yakuwe mu mabanga yagirizwa ibiturire muri dosiye bise Inter Petrol.

Alice Nzomukunda akuwe mu mugambwe, yari yatanze imihoho mu kibanza c'icegera ca kabiri c'umukuru w’igihugu, kubera atumvikana n'uwahoze atwara umugambwe, Hussein Radjabu. Kuva umugambwe CNDD-FDD ukija ku butegetsi mu 2005, wagiye uragira ingorane zo kutumvikana, ukaba umaze gutakaza abanywanyi benshi barimwo abashingamateka n'abakenguzamateka.

XS
SM
MD
LG