Abaserukira abagwizatunga, abanyepolitike n’abayoboye amashirahamwe ategamiye Reta bakomeye kurusha abandi kw’isi bazobonana muri iyi ndwi mw’ikoraniro mpuzamakungu ryerekeye ubutunzi kw’isi mu gisagara ca Davos mu gihugu c’Ubuswisse, aho aho bazoganira ku bibazo vyihutigwa bijanye n’ubutunzi n’imibano. Abaharanira iterambere n’abategetsi bavuye mu karere ko musi y’ubugaragwa bwa Sahara bizeye ko bazotorera inyishu ibibazo vyabo mw’ikoraniro ryerekeye ubutunzi kw’isi.
Vyitezwe ko abategetsi bari musi iryo koraniro bavuga ko abaserukira abagwizatunga, abakuru b’ibihugu n’abandi bategetsi barenga mirongo itandatu bitaba inama y’i Davos bavuye mu karere ka Afrika. Mu baza baremeje kuja muri iyo nama ni prezida w’igihugu ca Senegal na prezida w’igihugu ca Nigeria.
Bitegekanijwe ko igihugu ca Afrika y’epfo kirungika umushikiranganji ajejwe ikigega n’umushikiranganji ajejwe ubudandaji, hamwe n’umukuru w’ibanki nkuru.Abataguye inama y’I Davos bavuga ko ukwitaba iyo nama ku banyafrika bitoroshe kwemeza kubera ihirirana n’inama y’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika.
Stephane Oertel, ayoboye abategura inama ku vyerekeye ubutunzi kw’isi mu gisagara ca Davos ku ruhande rw’abanyafrika avuga ko umuntu aravye ibizoshimikirwako uno mwaka; n’ukuvuga gukorera hamwe mu gutora ubuhinga bushasha, vyerekana ukunanigwa gutorera inyishu ibibazo vyihutigwa, harimwo ihidangurika ry’ibihe n’ikwiragira ry’ibigwanisho ruhonyanganda.