Uko wahagera

Abandi Basirikare 220 b'Abarundi Bararungitswe muri Somalia


Abasoda amajana abiri na mirongo ibiri b'abarundi buriye indege kw’igenekerezo rya cumi n’umunani ry’ukwezi kwa mbere ibajana muri Somalia, aho barungitswe mu gikorwa co guhagararira amahoro, bafadikanije n'abandi basirikare bakorera ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika.

Abo basoda b'abarundi bagiye gusanga muri Somalia abandi amajana abiri bamaze gushikayo. Mu kiringo ca mbere Uburundi buzorungika amajana umunanini na mirongo itanu, ariko kubera ubukene bw'ibitoro ntibarashobora kugenda bose. Mu ndwi iza, umuvugizi w'ugwwego gwa gisirikare, Adolphe Manirakiza, yemeza ko bose bazoba bamaze kugenda kuko ngo Reta Zunze Ubumwe za Amerika zaremeye gutanga ibitoro.

Bitegekanijwe ko Uburundi burungika abasoda igihumbi n'amajana indwi, ariko uburyo bwagiye burabura.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zemeye gutanga uburyo bujanye n'ibikoresho, abafaransa nabo bakaba bari bemeye indege zizobashikana muri Somalia.

XS
SM
MD
LG