Uko wahagera

Umusoda Umwe Yarishwe mu Gisagara ca Bujumbura


Kw’igenekerezo rya 17/01/08, abantu bitwaje ibigwanisho barateye inyubakwa y'umukuru w'ikambi Muha, muri karitiye Taba, muri komine ya Gihosha, mu gisagara ca Bujumbura. Ugwego gwa gisirikare ruvuga ko mu masasu yavuze hapfuye umusada umwe. Ariko abanyagihugu baba hafi babibonye, bavuga ko hapfuye babiri hagati y'abitwaje ibigwanisho n'abasoda bacugerera ubuzima ukuru w'ikambi Muha.

Abo bantu bitwaje ibigwanisho bari batanguye gusahura mu mabutike yo ngaho i Taba no mu bunywero;amafaranga, amaterefone ngendanwa n'ibindi vyaribwe. Ugwego gwa gisirikare nti rutomora neza abo bantu abo aribo. Icegera c'umuvugizi wa gisirikare avuga ko ari abagizi ba nabi.

Abanyagihugu nabo nyene ntibashobora kuvuga neza abagize ico gitero abo ari bo. Bamwe bavuga ko ari abagwanyi b'umuhari Palipehutu FNL abandi bakavuga ko ari abasirikare n'abaporisi biyita aba FNL.

Mu ma karitiye menshi yo mu gisagara ca Bujumbura ibitero nk'ivyo biragwiriye. Ku mabarabara menshi nayo yinjira mu gisagara canke aja mu gihugu hagati, imitego y'abitwaje ibigwanisho iragwiriye. Aha naho nyene ngo nta wuzi neza ko ari aba FNL canke ababiyitirira

XS
SM
MD
LG