Uko wahagera

Umwaka Uraheze Domitien Ndayizeye Apfunguwe


Uwahoze atwara Uburundi, Domitien Ndayize, yatumiye abamenyeshamakuru, kw’igenekerezo rya 16/01/08, mu kiganiro co kwibuka umwaka amaze avuye mw'ibohero rya Mpimba.

Domitien Ndayizeye yatatse ubutungane ngo bumwuzurize, aronke indishi y'akababaro. Yavuze kandi ko yamaze kubabarira abatumye ashika mu munyororo, n'aho atavuze ab’aribo. Ico asaba ngo n'uko atawosubira kubeshera uwundi ibintu vy’agaca mutwe.

Ndayizeye avuga kw’ipfungwa ryiwe ryaramuhaye icigwa gikomeye. Domitien Ndayizeye yakunda kwivugira ko agiye guheba poritike akifatira tournevisi yiwe, ariko mur’iki gihe avuga ko agiye kwijukira poritike, kuko ngo yaratahuye ko udakurikiranye poritike yoyo igukurikirana.

Mu kiganiro Domitien Ndayizeye yashikirije, yaranebaguye cane poritike y’iki gihe, mu kuvuga ko abategetsi babandanya kwitwaza amabibiliya baja mu masengero aho kwitwararika ibibazo vy'ubukene n'umutekano bibangamiye abanyagihugu.

Twobibutsa ko Domitien Ndayizeye yari yapfunzwe yagirizwa ko yagize umugambi wo gusenyura inzego z’igihugu, ari kumwe n'abandi Bantu batandatu. Mu nyuma sentare ntahinyuzwa yamwambitse izera, co kimwe n'abandi bane bari kumwe.Dogiteri Alain Mugabarabona na Tharcisse Ndayishimiye batazira Maconco nibo bagipfungiwe ico caha.

XS
SM
MD
LG