Uko wahagera

Abaporisi Baherutse Gusaka mu Kinama, i Bujumbura


Kw’igenekerezo rya 16/01/08, igihe c'isaha cumi zo mu Gatondo, abaporisi bari bakikuje ikaritiye bita Bukirasazi yo muri komine Kinama mu gisagara ca Bujumbura. Abantu benshi bafashwe batwawe mu makamyo, bajanwa mw'ikambi y'igisoda bita Sokariti, mu Kamenge.

Mu bafashwe barenga mirongo itandatu barimwo abagabo, abana, n'abagore. Mu nyuma abari bafise ibibaranga bararekuwe, abandi babandanya gusambishwa. Igiporisi kivuga ko cariko kirangura igikorwa ca misi yose, ariko ikizwi n'uko abajejwe umutekano bakunda kuvuga ko aho mu Kinama haba abagwanyi b'umuhari Palipehutu FNL.

Aho mu Kinama kandi hama havugwa ubusuma uko bukeye uko bwije bw'abantu bitwaje ibigwanisho. Iyo abanyagihugu batishwe barasahugwa utwabo. Abajejwe intwaro bama bariko bagiriza umuhari Palipehutu FNL, ariko abanyagihugu nabo baragiriza abajejwe umutekano ko hari aho bikika mu kiza biyita aba FNL

XS
SM
MD
LG