Uko wahagera

Ibigwanisho Biri mu Banyagihugu mu Burundi


Raporo yasohowe n’Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi “Ligue Iteka” hamwe n'ishirahamwe “Small Arms Surviv” yerekana kw'ibitigiri vy'ibigwanisho bitobito biri mu banyagihugu mu Burundi batabifitiye uruhusha bihagaritse umutima abarundi. Iyo raporo yakozwe mu ntara 6 kuri 17 zigize Uburundi, mu miryango irenga gato 3000, ivuga ko ababajijwe bemeza ko mu gihugu hari ibigwanisho bishika 100.000 bitunzwe bidaciye mu mategeko.

Bimwe mur’ivyo bigwanisho vyinjiye mu kinyegero, ibindi navyo ngo vyatanzwe n'igisoda igihe c'intambara, ariko bikaba bitaravanwa mu banyagihugu nk'uko iyo raporo ivyerekana.

Ahanini ngo ibigwanisho vyinjira mu Burundi mu kinyegero ngo bica mu buseruko bwa Republika ya Congo Iharanira Demokarasi, igihugu gikomeyemwo urudandazwa rw'ibigwanisho, kubera imihari ikorerayo. Mu mihari ivugwa, harimwo FDLR, Mai Mai, Palipehutu-FNL, n'iyindi migwi usanga itazwi n’abategetsi bi Kinshasa, canke ata bushobozi bayifiseko nk'uko tubisoma mur'iyo raporo. Jean Marie Vianney Kavumbagu arongoye Ligue Iteka yafashije mur’ico gikorwa c’itohoza, avuga ko ivyo bigwanisho bihungabanya cane umutekano mu Burundi.

Sylvestre Kibeceri atwara umugwi w'igihugu ujejwe gukura ibigwanisho mu banyagihugu, aremeza ko ico gikorwa catevye cane kubera ubukene bw'uburyo. Ariko mur'uyu mwaka ngo reta iherutse gutanga imiriyoni 300 y'amafaranga y'amarundi, kugira ngo ico gikorwa gitangure neza. Ubwo buryo ngo nti bukwiye, mu gihe amakungu atofasha kwaka ibigwanisho abanyagihugu, cane cane ababiguze amafaranga yabo basaba kugira ico bahawe. Ikitavugwa mu bizohabwa abasubije inkoho ngo ni amafaranga, ariko ngo hazokorwa imigambi y'iterambere iruhande y'udushiruka bute turimwo amakinga, inka canke ibindi. Jean Marie Vianney Kavumbagu aronoye Ligue Iteka avuga ko ico gikorwa gikenewe, ariko ngo nti coroshe kurangura, mu gihe ubwicanyi bubandanya mu gihugu, umutekano nawo ukabandanya guhungabana.

Mu bigwanisho biri mu banyagihugu bivugwa, harimwo inkoho za Kalachinikove, pistolet, amagrenade, na za mine zimwe zihambwa mu kuzimu. Abahinga mu vy'ibigwanisho bavuga ko Kalachinikov iguzwe ku masoko azwi igugwa amadorari 45 gusa, ariko mu Burundi mu gihe c'intambara, ababikurikiranye bemeza ko iyo nkoho yagugwa idorari 200. Ivyo biremezwa kandi n'abagize amatohoza.

XS
SM
MD
LG