Uko wahagera

Ingurane Ubushinwa Bwemereye Uburundi


Inyuma y'urugendo rw'imisi ibiri, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ubushinwa n'ibindi bihugu yarangije mu Burundi, Yang Jiechi, na mugenziwe, Antoinette Batumubwira, bashize ibikumu ku masezerano y'ingurane y'imiriyoni zibiri z'amadorari azokwishugwa ata nyungu.

Ubushinwa bwiyemeje kandi kwubakira ku buntu Uburundi aho umukuru w'igihugu azoba n'aho azokorera. Ibindi bisata bizoshigikirwa ku buntu, ni ukugwanya indwara ya marariya, uburimyi, indero, ukugwiza umuyagankuba, no gusubira kunagura ihinguriro ry'impuzu COTEBU.

Imigenderanire yo gufashanya hagati y'Uburundi n'Ubushinwa yatangu mu 1972, ikaba igenda iratera imbere nk'uko impande zose zibivuga. Muri iki gihe i Bujumbura haboneka ibidandazwa vyinshi biva mu Bushinwa, bizanywe n'Abashinwa ubwabo, canke Abarundi baja kurangura mur'ico gihugu.

XS
SM
MD
LG