Uko wahagera

Itegeko Rigena Amafaranga Reta y'Uburundi Izokoresha mu Mwaka w'i 2008 Riranegurwa


Gabriel Rufyiri atwara ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya ibiturire n'isesagurwa ry'amatungo ya reta avuga ko itegeko rigena amafaranga reta izokoresha mu mwaka w’I 2008 yateguwe nabi kuruta no mu kiringo mfatakibanza.

Iryo tegeko rivuga ko mu mwaka umaze imisi utanguye reta izokoresha miriyaridi zirenga amajana atanu na mirongo ibiri. Ibice birenga mirongo itanu na kimwe reta ibizeye mu mfashanyo y'abagiraneza. Gabriel Rufyiri avuga ko uko kwama bazera inze ari ingeso mbi cane.

Ikindi ishirahamwe OLUCOME rinebagura iryo tegeko ni ibice bibiri gusa bigenewe uburimyi n'ubworozi, mu gihe ibindi bice bigenewe ibikorwa mu bisata binyuranye ata mwimbu bizana. Ivyo navyo ngo vyerekana ko ata terambere umuntu yokwizera.

Muri iryo tegeko, amafaranga azokoreshwa mu biro kwa Perezida, mu nama nshingamateka, no mw'iperereza yaradugijwe cane. Mu nama nshingamateka yavuye ku miriyaridi zitandatu aja ku miriyaridi zirenga icenda; mu biro kwa Perezida yavuye ku miriyaridi zirenga ndwi aja ku miriyaridi zirenga cumi; mu biro vy'iperereza hiyongereyeko umuriyaridi. Gabriel Rufyiri avuga ko amafaranga akunda kunyuruzwa kenshi aca muri ubwo buryo. Muri reta bavuga ko igikorwa co gutegura iryo tegeko cagenze neza.

XS
SM
MD
LG