Uko wahagera

Abasirikare b'Uburundi barasubiriye Gutana mu Mitwe n’Umuhari Palipehutu-FNL


Mu gaturuturu ko ku musi wa Gatatu igenekerezo rya cenda mur’uku kwezi kwa mbere, abasoda b'igihugu n'abagwanyi ba Rwasa Agathon arongoye umuhari FNL bagwaniye ahitwa Kirari, muri komine Musigati, mu ntara ya Bubanza. Umuvugizi w'igisoda c'Uburundi, Adolphe Manirakiza, avuga ko bishe abagwanyi batanu, ku ruhande rwabo naho hakomereka abasoda babiri. Abasoda b'igihugu ngo bafashe kandi inkoho zibiri n'amasasu menshi.

Adolphe Manirakiza avugira igisoda c'igihugu yagiriza umuhari FNL ko ariwo wasotoye intambara. Abanyagihugu bari bahunze izo ntambara ku muhingamo bariko barasubira mu zabo. Ahabereye intambara hegereye mw'ishamba rya Kibira, aho abagwanyi ba Rwasa basanzwe baba. Umuvugizi w'igisoda asigura ko abagwanyi ba Rwasa bariko bagerageza kwirukana abasoda kugira baronke aho baca mu kuja gusahura abanyagihugu.

Abarongoye umuhari FNL bamaze imisi badashaka kuvuga ku ma radiyo canke kwitaba terefone. Bagiriza reta ko idashaka gushira mu ngiro amasezerano yemejwe haraheze umwaka urenga.

XS
SM
MD
LG