Uko wahagera

Perezida w'Uburundi Yiyemeje Gukurikirana Abanyuruje Amatungo ya Reta


Mw'ijambo ryo gusozera umwaka wi 2007, Perezida Petero Nkurunziza yiyemeje gushira imbere y'ubutungane abantu banyonoye amatongo ya reta. Amadosiye yavuzwe cane yerekeye indege zine zaguzwe mu myaka yaheze zitigeze ziguruka mu bushikiranga bwo kwivuna abansi, imiduga, n'ayandi madosiye, ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya ibiturire n'isesagurwa ry'amatungo ya reta, rivuga ko reta yahomvye amafaranga arenga mu miriyaridi mirongo itatu n'umunani.

Ishirahamwe OLUCOME rirashima iryo shaka ry'umukuru w'igihugu, ariko rikavuga ko hakenewe ibikorwa gusumba amajambo, Gabriel Rufyiri atwara ishirahamwe OLUCOME yavuze ko azovyemera ar’uko abanyonoye bashengejwe imbere y'ubutungane, amafaranga yibwe akagaruka mu kigega ca reta. Mw'ijambo umukuru w'igihugu Perezida Nkurunziza yashikirije, yaramenyesheje kandi ko hagiye gukorwa rusansuma y'abakozi ba reta kugira bamenyekane kuko Petero Nkurunziza avuga ko hariho abakozi babandanya guhembwa batari ku kazi, abandi barapfuye.

Ku kibazo c'ubwicanyi Perezida w'Uburundi yamenyesheje ko hagiye gusubizwaho za sentare rubamba kugira abicanyi n'abafata abakenyezi ku nguvu bahanwe vy'akarorero. Perezida Nkurunziza yasavye kandi abarundi bose gufasha kugira umuhari Palipehutu FNL uhagarike intambara wemere kurangiza ibiganiro.

XS
SM
MD
LG