Uko wahagera

Umufransakazi Aherutse Kwicwa mu Burundi, Presida w’Ubufransa arasaba insiguro  kur’Ubwo Bwicanyi


Mw'ijoro risozera umwaka w'i 2007, abantu bitwaje Ibigwanisho bataramenyekana barateye inyubakwa y'Abafransa bakorera mu ntara ya Ruyigi, mu buseruko bw'Uburundi. Umukenyezi umwe w'Umufransakazi yarishwe, uwundi arakomereka cane. Abo batewe basanzwe bakora mw'ishirahamwe rigwanya inzara "Action contre la Faim".

Ku wa gatatu igenekerezo rya kabiri ukwezi kwa mbere, iryo shirahamwe ryaciye rihagarika akazi mu gihugu cose, abasanzwe bayikorera barungikwa muhira. Abatishoboye bagaburirwa n'iryo shirahamwe mu bigo bitandukanye basigaye atakibaraba. Buramatari w'intara ya Ruyigi, Moise Bucumi, avuga ko bibabaje, agasaba ayandi mashirahamwe kuza gufasha abo bantu.

Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa, Nicolas Sarckozy, yavugiye kuri radiyo RFI asaba insiguro Reta y'Uburundi kur’urwo rupfu rw'uwo mufransakazi. Mu ntambara yo mu Burundi abanyamahanga bakomeye b Kur'uwu wa gatatu arishwe, aha tukibuka uwatwara UNICEF, Louise Zuniga, mu 2000, n'uwaserukira Papa, Michael Courtney, mu 2002.

XS
SM
MD
LG