Uko wahagera

Ivyavuye mu Nama y'Abategetsi b'Ibihugu vy'i Bulaya na Afrika


Inama yari yahuje abategetsi b’ibihugu vy’I Bulaya na Afrika i Lisbon ku murwa mukuru w’igihugu ca Portugal yararangije ibikogwa vyayo ku musi w’Imana urangiye.

Mu kiganiro Zenon Nicayenzi, umuhinga mpanuzwajambo ku bibazo vyerekeye ubutunzi n’iterambere yatanze, yavuze ko iciza c’iyo nama ari uko abategetsi b’utwo turere tubiri bashoboye guhura bakaganira ku bintu bikomeye nk’ukugene Afrika yorungika ibidandazwa mu karere k’i Bulaya. Amenyesha yamara ko hariho ibibazo kubera abanyabulaya bashaka ko ibihugu vyo muri Afrika bikuraho amatagisi bitangisha ku bidandazwa bivuye mu karere k’i Bulaya. Umushingantahe Nicayenzi avuga ko abanyabulaya bafise ibidandazwa vyinshi bashobora gushorera muri Afrika mu gihe ibintu atariko bimeze ku ruhande rwa Afrika.

Ikindi kibazo abona n’uko ama Reta y’ibihugu vy’i Bulaya afasha abarimyi bayo mu gihe ashaka kuziririza abanyafrika kubigenza nkuko. Ku bwiwe ibintu bigenze nkuko, nta kidandazwa na kimwe co muri Afrika cokwegereza igiciro c’ibidandazwa bivuye i Bulaya. Nta hinguriro na rimwe ryo muri Afrika ryosubira gukora. Avuga ko ivyo arivyo abategetsi bo muri Afrika bumvise, baravyihweza hanyuma baravyiyamiriza.

Umushingantahe Nicayenzi avuga ko abanyabulaya bafise ubwoba ko igihugu c’Ubushinwa kiriko kirabatwara amasoko yo muri Afrika bari bagize icibare cabo. Ubushinwa muri iki gihe burafise ivya ngombwa, n’ukuvuga ubuhinga n’ibidandazwa bushobora gushorera muri Afrika mu buryo buzimbutse kurusha ibihugu vy’i Bulaya.

Yarangije avuga ko yashimishijwe n’ukugene mu bubaye ubwa mbere ibihugu vyo muri Afrika vyihagazeko bigashira hamwe, bikavuga rumwe, mu kuvuga ko ibintu bidashobora kubandanya uko vyahora.

XS
SM
MD
LG