Uko wahagera

Mu Burundi Umunyagihugu Yarishwe Uwundi Arakomereka


Kw’igenekerezo rya 25/11/2007, mw’ijoro ryo ku musi wa mungu rishira uwa mbere, abantu bane bitwaje ibigwanisho harimwo n’uwambaye impuzu z'igiporisi barateye mu miryango muri zone Kinama mu gisagara ca Bujumbura. Nk'uko ababa mu Kinama babivuga, ngo mur'ivyo bitero umuntu umwe yarishwe uwundi arakomereka, hibwa n’amakinga ane.

Abanyagihugu bagiriza abajejwe umutekano ko bari mu bakora ivyo bitero, mu gihe badakingiye ikibaba ababikora. Ku musi wa mbere mu gitondo kw’igenekerezo rya 26/11/2007, abo banyagihugu babwiye Ijwi rya Amarika n'ishavu ryishi, ko bagiye kugerageza kwicungerera umutekano kandi ngo uwo bazofata bazoca bamwica.

Ubusuma bw'abantu bitwaje ibigwanisho bubandanya. Bwiyongera. Iyo hatagirijwe abagwanyi b'umuhari Palipehutu-FNL havugwa abajejwe umutekano canke abahoze mu giporisi no mu gisirikare, canke mu migwi yahoze igwana.

Ibigwanisho vyakwiragijwe mu banyagihugu mu gihe c'intambara nti birashobora kuva mu minwe y'abatabifitiye uruhusha, kandi ni vyo bituma kenshi umutekano uhungabana. Umugwi ujejwe kurangura ico gikorwa uvuga ko ufise ingorane z'uburyo

XS
SM
MD
LG