Uko wahagera

Inaman Nkuru y'Urwaruka rw’Uburundi


Abana mirongo itanu bagizwe n’abana batatu batatu bavuye mu ntara zose z'igihugu, bariko basaba inzego z’igihugu gushiraho Inama Nkuru y'urwaruka.

Ku musi wa gatatu igenekerezo rya 21/11/2007, abo bana barasiguriye umukuru w’inama nkenguzamateka ko hari ibibazo vyinshi vy'abana bitigwa, kubera kutumviriza urwo rwaruka. Ingorane nyinshi ngo zerekeye: abana b'impfuvyi, abana ,ba ntahonikora n'abana bo mw'ibarabara. Impfuvyi ngo zirasahugwa amatungo n'amatongo, zikavuga nabi, tutibagiye ingorane zo kuja mu mashure kubera ubukene bw’amafaranga n'ibikoresho.

Mu misi iza abo bana bagiye kwakirwa n'umukuru w'inama nshingamateka, kugira ngo bamusaba kwihweza ingene hoshingwa itegeko risaba kwubahiriza agateka k'abana.

Umukuru w'inama nkenguzamateka, Gervais Rufyikiri, yabwiye abamenyeshamakuru ko ivyo abana basaba vyumvikana, kandi ko bashigikiwe n'ibiro vyitaho uburenganzira bw’abana UNICEF.

Kubera intambara n'ikiza c'ingwara ya Sida, impfuvyi zagiye ziriyongera mu Burundi.

XS
SM
MD
LG