Ibiro vy'umukuru w'igihugu vyatangaje ko Perezida Petero Nkurunziza azokwipimisha ku mugaragaro ingwara ya sida ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 24/11/2007. Ariko nti bamenyesheje niba umukuru w'igihugu c'Uburundi azotangaza ibizoba vyatowe n'abaganga.
Perezida Nkurunziza azoba ahaye akarorero abandi bategetsi, kuko bahamagawe n'ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu, mw'isekeza ryo guhimiriza abanyagihugu ngo bipimishe umugera wa Sida. Ico gikorwa kizoshika kw'igenekerezo rya mbere ukwezi kwa cumi na kabiri, aho amakungu azoba ahimbaza umusi wahariwe kugwanya Sida.
Ibiharuro bishigwa ahabona n'abajejwe amagara y'abantu, vyerekena ko mu Burundi abantu bitaba igikorwa co kwipimisha ari ibice cumu na bibiri kw'ijana. Ibiharuro vy'abagwaye ico kiza navyo bibandanya biduga mu bisagara. Mur'uwu mwaka ivyo biharuro biri mu bice birenga cumi na bitatu kw'ijana. Mu turere two mu gihugu hagati naho birenga cumi kw'ijana.
Ukutipimisha ngo biri mu bituma abantu babandanya kwandura umugera wa Sida.Inyigisho zitangwa mur'iryo sekeza ryatanguye zerekeye akamaro ko kumenya ko umuntu asife umugera.
Mu Burundi abagwayi ba Sida baronka imiti baracari kâurushi kubera ubukene.