Uko wahagera

Reta Nshasha mu Burundi


Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza, yaraye ashinze reta nshasha. Iyo reta ishinzwe inyuma y’imibonano yari imaze imisi, hagati y’imigambwe Frodebu, Uprona, na CNDD-FDD umugambwe uri k’ubutegetsi. Iyo mibonano yabaye inyuma y’aho inzego z’igihugu zihagaze, kubera ko imigambwe Uprona na Frodebu yasaba ko hashingwa reta nshasha. Reta nshasha yaraye ishinzwe igizwe n’abantu 26.

Mur’iyo reta, umugambwe Sahwanya Frodebu ufisemwo abashikiranganji bane n’ivyegera bibiri vy’abashikiranganji. Umugambwe Uprona nawo, uretse ko ufise icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ufise kandi abashikirangaji babiri n’icegera c’umushikiranganji. Leonce Ngendakumana na Aloys Rubuka barongoye iyo migambwe barashimishwa n’iyo reta nshasha.

Abanyagihugu nabo basaba reta nshasha yashinzwe ngo yitwararike ibibazo bibaraje ishinga.

XS
SM
MD
LG