Uko wahagera

Ikibazo c'Incabwenge z'Abanyafrika Zibandanya kuva muri Afrika


Ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya ryaratangaje umugambi w’ukwakira abakozi bafise ubuhinga bukomeye imilioni mirongo ibiri mu kiringo c’imyaka mirongo ibiri yimirije kugira ivyo bitorere inyishu ikibazo gitegekanijwe kwibonekeza muri kazoza c’ukubura kw’abakozi bakwirikiye muri ako karere. Uwo mugambi wariyamirijwe n’abategetsi b’ibihugu biri mu nzira y’amajambere, cane cane mu karere ka Afrika.

Umugambi w’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya w’ukwakira abakozi bafise ubuhinga worekurira abantu bafise ubuhinga batari abanyabulaya gukora mu bisata vyerekeye cane cane amagara y’abantu n’ubuhinga buhanitse bugenzweko mu vyerekeye guhanahana amakuru, gukora mu bihugu vyo mu karere k’I Bulaya n’ugutuma baruhira kuronka uburenganzira bw’ukugerera ku buryo ntabanduka muri ako karere.

Yamara abategetsi b’ibihugu vyo muri Afrika bavuga ko uwo mugambi uzotuma ikibazo c’abanyafrika bafise ubuhinga baja kurondera akazi n’ubuzima bwiza mu karere k’I Bulaya ciyongera kurushiriza mu bigeramira bikomeye iterambere mu karere ka Afrika.

Umuvugizi w’ishirahamwe rya za kaminuza mu karere ka Afrika, rifise icicaro mu gihugu ca Ghana, Pascal Hoba avuga ko ivyo bivuna intege amashule kaminuza yo muri Afrika amenyereza abazovamwo abantu bafise ubuhinga bukomeye muri kazoza. Ibiharuro vyatohojwe n’amashirahamwe mpuzamakungu vyerekana ko incabwenge z’abanyafrika ibihumbi mirongo ibiri ziva mu karere ka Afrika uko umwaka utashe.

Pascal Hoba avuga ko impamvu zituma abantu bafise ubuhinga bava mu bihugu vyabo muri Afrika zitandukanye umuntu aravye ibihugu baba bavuyemwo. Amenyesha ko mu bihugu bimwe bimwe biva ku kugene ivya politike biba vyifashe muri ivyo bihugu. Ku bindi bihugu impamvu zijanye n’ibibazo vyerekeye ubutunzi n’imibano.

Umuyobozi ajejwe ubushakashatsi mu biro mpuzamakungu bikwirikirana abantu baja kugerera mu mahanga, “International Office of Migration”, Frank Lazcho avuga ko ikibazo c’abakozi bafise ubuhinga bava mu bihugu vyabo bakaja mu mahanga ari ibintu vyibonekeza cane cane muri ibi bihe vy’ubutunzi magiriranire mu makungu.

XS
SM
MD
LG