Uko wahagera

Abanyororo Umurengera mu Mabohero yo mu Burundi


Ibiharuro vyatangajwe n'amashirahamwe akurikirana ivyerekeye agateka ka zina muntu mu Burundi vyerekana ko abanyororo baharurwa mu bihumbi birenga umunani, mu gihugu kirimwo amabohero makuru makuru ane gusa, mu ntara za Bururi, Bujumbura, Ngozi na Gitega.

Umukuru w'ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n'agateka k’abanyororo, Pierre Claver Mbonimpa, avuga ko ivyo bitigiri ari vyinshi cane. Mu mabohero atari make ngo abanyororo baryamanako. Atanga uturorero mu mabohero ya Bujumbura mu Mpimba, aho inyubakwa zategekanirijwe abantu amajana umunani zisigaye zirimwo abantu barenga ibihumbi bibiri, n’i Gitega aho inyubakwa yateguriwe abantu amajana ane isigaye irimwo abantu bashika igihumbi.

Pierre Claver Mbonimpa asigura ko ikibabaje cane ari uko nko mu mabohero y'i Ngozi no mu Ruyigi, usanga abakenyezi n'abagabo basa n'uko babana, kandi ngo hariho n’abakenyezi bamaze kuvyarira mur’ayo mabohero, abana bagakurira mu ngorane zo mu munyororo;zo kubura ibifungugwa bikwiye, amazi meza, impuzu n'ibindi. Ishirahamwe "Terre des Hommes” ryari risanzwe rifasha, naryo ngo rimaze imyaka ibiri irenga ryarahagaritse imfashanyo ryahora riha abibarukira mu mabohero.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri, mu mwaka uheze, itegeko ry'umukuru w'igihugu ryatumye abantu ibihumbi bibiri bava mu mabohero, ariko Pierre Claver Mbonimpa avuga ko abapfunzwe mu nyuma ngo basumba abarekuwe.

Ingorane nyamukuru zihagaze ahani ku kutihuta kw'imanza, kubera abacamanza bake n'uburyo bubayabaye bafise. Ariko kandi ngo n'akageso ko gusaba ibiturire karatuma imanza zidatera imbere.

Ubugenduzi bukuru bw'amabohero, ibiro vy'uwuserukira umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi, ishirahamwe ASF, n'amashirahamwe Ligue ITEKA, ABDP, na APRODH, yaratunganije inyigisho ku basanzwe bakurikirana ivyerekeye amategeko, kugira ngo bihweze uburyo bwotuma ivyo bitigiri bigabanuka mu mabohero, mu kurekura abanyororo batarakubitwa intahe mu gahanga vy'agateganyo.

Intambara yadutse mu 1993 yatumye hapfungwa abantu benshi kubera ubwicanyi bwakozwe, ariko kandi n’ubusuma butuma abantu bamwe bamwe kwiba butuma ivyo bitigiri vyongerekana mu mabohero.

XS
SM
MD
LG