Uko wahagera

Yves Sahinguvu Icegera ca Mbere c'Umukuru w'Igihugu mu Burundi


Yves Sahinguvu agiye kuba icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu mu Burundi, ni nde?

Umushingamateka Yves Sahinguvu afise imyaka 58 y’amavuko, arubatse akaba afise n’abana batatu. Amashure y'intango yayize mu Bukeye,abandaniriza kw’ishure yisumbuye ya Mutima Mweranda i Bujumbura. Kaminuza yayize i Kinshasa, aho yaronse impapuro z’umutsindo zibiri, mu gisata c'ubuvuzi mu vyerekeye kuvura amaso, kubaga, no kwakira abakenyezi bibaruka.

Akazi, ahanini yakaranguriye i Kinshasa, aho yarangirije kaminuza. Yaratwaye ishirahamwe COTEDI ry'I Kinshassa,arigisha muri kaminuza aho nyene muri Congo, yongera aranakora mu bitaro vy'amaso vyigenga.

Mu vyerekeye poritike, Yves Sahinguvu ni mushasha, ariko yarabaye umukenguzamateka mu ntwaro mfatakibanza, kuva mu 2002 gushika mu 2005. Mu nyuma yaciye atorwa mu ntara ya Muramvya ngo abe umushingamateka. Aravuga neza cane Igifaransa, Ikirundi, n'Iringala. Ku wa kane igenekererzo rya munani, niho abashingamateka 93 kuri 108 bari mu nyubakwa y'amakoraniro mu Kigobe, bemeza igenwa ryiwe, nawe aca abemerera kwama abateze amatwi.

Imigambwe iri mu namanshingamateka yaranejerejwe n'uwo mutegetsi mushasha. Pierre Claver Nahimana aserukira abashingamateka bo muri FRODBU avuga ko Yves Sahinguvu afise ubwitonzi bukwiye kandi ngo arazi ingorane zibangamiye igihugu. Leonard Nyangoma atwara umugambwe CNDD asaba Yves Sahinguvu kugarukana amahoro mu gihugu cose nu kugwanya ubusuma bw'amatungo ya reta.

Yves Sahinguvu agenywe yari aherutse kwankira umukuru w'igihugu kuba umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu, kubera ko izina ryiwe ritari ryatanzwe n'umukuru w'umugambwe UPRONA akomokamwo.

Guhindura abategetsi vyarakozwe cane kuva umugambwe CNDD-FDD ugiye k'ubutegetsi. Mu myaka ibiri irenga gato, ubushikiranganji bujejwe imigambi y’'ubudandaji bwahinduye abategetsi incuro kane, ubushikiranganji bujejwe imigambi y’ubutunzi buhindura abategetsi incuro gatatu, ubushikiranganji bw'imigambi ya reta buhindura abategetsi incuro gatatu. Mu kibanza c'icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu abategetsi bahindutse incuro gatatu. Uretse Alice Nzomukunda yatanze imihoho, abandi bakuwe bagirizwa kutamenya akazi canke ayandi makosa.

XS
SM
MD
LG