Uko wahagera

Icegera Cambere c’Umukuru w’Uburundi Yaraye Atanze Imihoho


Mw’ijambo ryo gusezera umushingantahe Martin Nduwimana yahora ari icegera ca mbere c'umukuru w'Uburundi yashikirije abarundi n’amakungu, yaribukije ivyo yashoboye kurangura mu gihe yari amaze mu mabanga ajejwe, aca ashimira umukuru w’igihugu na reta yiwe k’ukungene bakoranye neza. Nti yibagiye gushimira abafasha biwe n’abarundi bamushigikiye mu bihe bitoroshe.

Yarongeye yipfuriza umukuru w’igihugu kuroranirwa mu mabanga ajejwe atoroshe yo kurongora Uburundi mur’ibi bihe tugezemwo.

Yasozereye avuga ko agiye kubandaniriza ibikorwa vya politike mu mugambwe wiwe UPRONA.

XS
SM
MD
LG