Uko wahagera

Abasoda Babiri Barishwe Bagiye Kwiba


Mw'ijoro ryo ku wa mbere igenekerezo rya gatanu, ukwezi kw’icumi na rimwe, buca ari ku musi wa kabiri, abapolisi barishe abantu babiri bari bagiye kwiba ku mwarabu yitwa OMAR wo muri karitiye. Asiatique mu gisagara ca Bujumbura.Umushoferi w'umuduga abo basuma bakoresha yarakomeretse, hafatwa n’inkoho zibiri z'ubwoko bwa kalachinikov.

Umuvugizi w’ugwego gw’abaporisi, Pierre Channel Ntarabaganyi, asigura kw’abaporisi bakoreye ku nkuru zatanzwe n'abanyagihugu. Abo basuma bishwe ngo bari bamaze imisi bakurikiranwa kandi ngo bari bafise umugambi wo kwiba ahantu hatatu, bakoresheje ibigwanisho n'ibindi bikoresho bikomeye.

Inkuru za mbere zatanzwe n'abanyagihugu zivuga ko abo basuma basanzwe ar’abasoda b'igihugu, bakorera mw'ikambi bita GEMAI. Ugwego gw’igiporisi ngwavuze ko rugiye kubandanya amatohoza kugira ngo rumenye neza abo bantu abo aribo. Abapolisi bavuga k’uwo mushoferi yafashwe ariwe azobafasha kumenya ukuri.

Bimaze kugaragara ko mu busuma bwinshi bukunda gukorwa, usanga harimwo abaporisi n'abasoda b'igihugu.

XS
SM
MD
LG