Uko wahagera

Hari Imisore y'Abarundi Ija Kugwana muri Congo-Kinshasa


Umuvugizi w'ugwego gw’abaporisi mu Burundi, Pierre Channel Ntarabaganyi, yabwiye Ijwi rya Amerika ko hari imisore y'abarundi atavuze igitigiri, imaze imisi ija muri Republika ya Congo iharanira demokarasi gufasha intambara General Laurent Nkunda.

Uwo muvugizi w'ugwego gw’igisirikare avuga ko iyo misore iva mu gisagara ca Bujumbura, mu ma karitiye ya Musaga na Ngagara aragwamwo abatutsi benshi. Ikibajana ngo ni kurondera amafaranga ahabwa abagwanyi, ariko ahanini ngo n'uko bivugwa ko mu gihe bazosubizwa mu buzima busanzwe, ngo bazoronswa amadorari amajana atandatu. Pierre Channel Ntarabaganyi avuga kw’abo basore bagenda kugwa kubera ubukene buri mu Burundi.

Iyi nkuru ngo yagiye kumenyekana mu ndwi iheze, igihe imisore ine ivuye I Bujumbura yafatirwa mu Cibitoke, k’urubibe rw'aho bita ku Ruhwa. Iyo misore yari ifise impapuro z'amagendo, kandi ngo n’amazina yabo siyo yari yanditse kur’izo mpapuro, nk'uko amatohoza yagiye aravyerekana. Ugwego gw’igiporisi ruvuga kw’izo mpapuro zatangirwa mu ntara ya Cibitoke, ihana urubibe na Congo. Umuplanto wo muri komine Rugombo yafashije mu gutanga izo mpapuro, mur’iki gihe apfungiwe hamwe n'iyo misore. Mu matohoza ngo baremeye ko hari iyindi misore itazwi igitigiri itafashwe kandi imaze gushika muri Congo.

Impunzi z'Abanyamulenge batanu bagirizwa kuba bari mu bantu batwara iyo misore muri Congo bafashwe mu ntango z’uku kwezi, ariko barahakana ivyo bagirizwa.

XS
SM
MD
LG