Ibiherutse gutohozwa ku vyerekeye ubutunzi bw’igihugu c’Ubushinwa vyerekanye ko abashinwa batari musi y’ibihumbi amajana atatu na mirongo ine na batanu bafise ubutunzi bubarizwa mu ma milioni y’amadolari. Ibiciro vy’amazu bitera vyiyongera biri mu vyatumye ubutunzi bw’abashinwa bwiyongera , yamara ivyo vyatumye kandi ubudasa hagati y’abafise amafranga menshi n’abakenye bwiyongera.
Yang Huiyan, umushinwakazi afise imyaka mirongo ibiri n’itandatu, akaba afise imiliardi cumi n’indwi z’amadolari niwe muntu atunze kurusha abandi mu gihugu cose c’Ubushinwa no mu karere kose ka Asia. Yang Huiyan yashitse muri urwo rugero kubera imitahe afise mw’ishirahamwe ryubaka amazu y’ukugurisha, “Country Gardens Holdings”, rwashinzwe na se wiwe.
Ikinyamakuru, “Hurun Report” gifise icicaro mu gisagara ca Shanghai gishira umupfasoni Yang ku rutonde rw’abantu amajana umunani batunze cane mu gihugu c’Ubushinwa. Mu mwaka uheze ico kinyamakuru cari casohoye urutonde rw’abashinwa cumi na batanu gusa bavugira mu miliardi y’amadolari, yamara muri uyu mwaka, ico gitigiri cariyongeye gushika kw’ijana n’umunani.
Ivyo biharuro vyerekana ko Ubushinwa bufise abantu bafise ubutunzi buri mu mamiliardi y’amadolari kurusha ibindi bihugu vyo kw’isi kiretse Leta z’Unze Ubumwe za Amerika zifise abantu bavugira mu miliardi z’amadolari barenga amajana atatu.
Rupert Hoogewerf, asohora ikinyamakuru, “Hurun Report”, avuga ko umupfasoni Yang Huiyan n’abandi bashinwa batunze cane baronse ayo mafranga mu gushira amashirahamwe yabo ku masoko y’imitahe. Hoogewerf avuga ko kwubaka amazu mashasha vyatumye ubutunzi bw’abanyagihugu bwiyongera..
Yamara avuga ko uk'ubutunzi butera bwiyongera kuri bamwe bamwe, ku bandi atariko bigenda, ivyo bigatuma ubudasa hagati y’igitigiri kinini c’abakene n’abantu batunze cane bwiyongera.
Presida w’Ubushinwa n’umushikiranganji wa mbere baremeye ko ubudasa hagati y’abatunzi n’abakene mu Bushinwa ari ikibazo gikomeye. Baratangaje imigambi y’ugutuma ubutunzi bw’igihugu bugirira akamaro abanyagihugu bose, mu kwongereza amafranga azokoreshwa ku migambi ijanye n’ivyerekeye imibano.