Uko wahagera

Abagwanyi Cumi n'Umwe Barishwe


Abagwanyi b'umuhari Palipehutu-FNL wa Agathon Rwasa barabandanya gutera abiyonkoye kur’uwo muhari. Kw’igenekerezo rya mirongo ibiri na rimwe, mw'ijoro ryo ku musi w'Imana rishira ku musi wa mbere, abagwanyi bashika igihumbi n'amajana atandatu bavuga ko biyonkoye kuri Rwasa, ubu bakaba begeranirijwe hamwe ahitwa Gakungwe muri komine Kabezi iri mu ntara ya Bujumbura-Rurale, baratewe n'abo bahorana mw'ishamba, hicwamwo abashika icenda ku ruhande rwabo, mu babateye nabo hapfamwo babiri. Izo nkuru zatangajwe n'umuvugizi w'igisirikare c’Uburundi, Riyetena Koroneri Adolphe Manirakiza.

Abanyagihugu baba mu karere kabereyemwo intambara barataye izabo. Abashingantahe n'abakenyezi twaganiriye bafise intekera ku mutwe, bavuze ko batakaje vyinshi, uretse ko imirimo yabo ya misi yose yagaze, n’ibintu vyabo bigasahurwa. Basaba ko abo bagwanyi borungikwa mu bindi bibanza bitarimwo abanyagihugu.

Hari haheze indwi imwe abo batewe bimukiye mur'ico kibanza, bava mu Rugazi, aho bari bamaze imisi naho nyene baterwa. Pasteur Habimana avugira umuhari Palipehutu-FNL yabwiye radiyo ijwi rya Amerika ari kuri terefone i Dar Es Salaam muri Tanzania, ko bazobandanya gutera abo bantu kubera ko biha izina ry'umuhari wabo. Pasteur Habimana asaba ko barondera irindi zina. Abo bagwanyi biyonkoye kuri Agathon Rwasa bamaze kwimurirwa mu bibanza bitatu, kandi bamaze guterwa incuro zitatu nyene.

Igisirikare c'Uburundi, ari naco gisanzwe gicungereye abo bagwanyi, kivuga ko arico catewe. Riyetena Koroneri Adolphe Manirakiza avugira igisoda c'Uburundi, yabwiye abamenyeshamakuru inyuma y'igitero giheruka, ko abasoda ba reta y’Uburundi badashobora kubandanya bubahiriza amasezerano yo guhagarika intambara, mu gihe umuhari Palipehutu-FNL wo ubandanya ibitero.

Reta y'Uburundi n'umuhari Palipehutu-FNL baragiraniye amasezerano y'amahoro, ariko umwaka uraheze ataroshobora gushirwa mu ngiro. Umugwi ujejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’ayo masezerano uherutse gusubira gutangura ibikorwa vyawo, ariko intumwa z'umuhari wa Rwasa Agathon nti zitavye ivyo bikorwa, kuko zisaba ko umuhuza Charles Nqouakula asubirizwa. Umuhari Palipehutu-FNL umwagiriza ko yegamiye reta,ukongera ukagiriza reta ko iriko igerageza guteranya abagwanyi ba Rwasa.

XS
SM
MD
LG