Uko wahagera

Umukuru w'Iradiyo n'Umukuru w'Ikinyamakuru Imbere y'Ubutungane


Emmanuel Nsabimana umukuru w'iradiyo RPA yigenga, na Thierry Ndayishimiye umukuru w'ikinyamakuru cigenga Arc-En-Ciel bararengukijwe imbere ya Sentare nkuru isubiramwo imanza i Bujumbura, kw’igenekerezo rya cumi n’umunani ry’uku kwezi turimwo.

Abo bamenyeshamakuru babiri bahamagajwe ku vyerekeye inkuru yatangajwe kw'iradiyo RPA, aho bamenyesheje ko Pasitori ISRON RUTAYISIRE ahagarariye isengero Bon Berger yashurashuje umwigeme asenga mur'iryo sengero arongoye, bishimikije amajwi yafashwe n'uwo mwigeme nyene. Ikinyamakuru Arc-En-Ciel naco nyene caranditse incuro nyinshi kur'iyo nkuru.

Umukuru wa Sentare isubiramwo imanza niwe yatumyeko abo bamenyeshamakuru. Ariko bobo bavuga ko atariwe yari akwiye gutohoza mur'urwo rubanza, kuko asanzwe asenga mw’isengero rya Isron Rutayisire. Basavye rero k’urwo rubanza yorushikiriza abandi bacamanza. Umukuru wa Sentare yamenyesheje ko azosubira kubatumako hanyuma, nabo bakavuga ko ari ukubajuragiza.

XS
SM
MD
LG