Uko wahagera

Umushikiranganji Ajejwe Ubutungane ku Kibazo ca Yegereyegere mu Burundi


Umushikiranganji Clotilde Niragira ajejwe ubutungane mu Burundi yakoresheje amajambo yo gutera ubwoba abakozi bahagaritse akazi kuva ku musi wa mbere. Ku bwiwe, ngo yegereyegere yakozwe hadakurikijwe amategeko. Ivyo abakozi basaba navyo ngo nti bishoboka.

Imbere y'abamenyeshamakuru umushikiranganji ajejwe ubutungane mu Burundi yasiguye ko ibisabwa n'abakozi bahagaritse akazi bisaba ko ubutunzi bw'igihugu bubanza kwisununura, ikigega bikibonekeza ko cabombotse mu nyuma bakicara hamwe bakaraba ibishoboka. Ku vyerekeye amategeko abagenga basaba, ngo nti bishoboka kuko ngo reta iriko irategura amategeko mashasha azogenga abakozi bose ba reta. Ayo nayo akaba amaze imisi myinshi avugwa ariko ntarashobora gusohoka kubera ko nayonyene asaba amafaranga atari make.

Umushikiranganji Clotilde yabwiye kandi abamenyeshamakuru n'abo bakozi kw'ihagarikwa ry'akazi ritisunze amategeko, abateye akamo abandi bakozi ngo sibo bari babifitiye uruhusha, ibikorwa vyihutirwa navyo ngo nti biriko birarangurwa nk'uko amategeko abitegekanya. Abagiye imbere y'abandi mur'iyo yegereyegere ngo bagiye gufatirwa ibihano atatomoye neza ivyo ari vyo.

Melance Nahayo arongoye sendika y'abakozi bahagaritse akazi avuga ko ari iterabwoba ariko ngo bazobandanya gushika baronse ivyo basaba. Amasentare yose yo mu gihugu nta gikora kuva ku musi wa mbere bivuye kur'iyo yegereyegere, abashoferi n'abakozi bo hasi hamwe batumwa gutwara amakete bakaba baritavye cane iryo hagarikwa ry'akazi.

XS
SM
MD
LG