Uko wahagera

Umwe mu Barongoye Idini rya Islamu  Yararengukijwe mu Biro vy’Iperereza mu Burundi


Sheikh Bure Kassalo, umunyamabanga w'ishirahamwe ry'abanywanyi b’idini rya Islam COMIBU, yararengukijwe mu biro vy'iperereza. Yashitse imbere y'igiporisi ca Perezida igihe c’isaha zitanu zo mu gitondo, kw’igenekerezo rya cumi na gatanu z’uku kwezi kw’icumi, aca abazwa amasaha atandatu.

Sheikh Bure Kassalo yatumenyesheje kw’ibibazo yabajijwe vyari bishimikiye ku bwene gihugu bwiwe. Yarekuwe igihe c'isaha cumi n'imwe. Uwurongoye COMIBU, Shekeih Salum Issa, avuga ko haheze imisi hakorwa iterabwoba ku barongoye idini rya Islam bamwe bamwe, ariko nti yavuze igituma.

Kuva aho Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD akuriwe agapfungwa, abanywanyi b’idini rya Islam, cane cane i Bujumbura, bariciyemwo imigwi, bamwe bashigikira Hussein Radjabu, abandi baja inyuma y'umukuru w'igihugu. Kuva ico gihe, umubano w’iyo migwi ibiri urangwa n'ukwinubana gukomeye.

XS
SM
MD
LG