Uko wahagera

Yegereyegere m’Ubushikiranganji Bujejwe Ubutungane mu Burundi


Sentare zo mu gisagara ca Bujumbura no ku migwa mikuru y'intara zo hagati mu gihugu nti zakoze kuva ku wa mbere igenekerezo rya cumi na gatanu z’uku kwezi, kubera ihagarikwa ry'akazi ku bakozi batari abacamanza bo mu bushikiranganji bujejwe ubutungane.

Abo bakozi bangana n'ibice mirongo itandatu kw'ijana vy’abakozi bo mu bushikiranganji bwose, bazindutse biyicarira imbere y'ibiro. Imanza nti zakiriwe, nti zanditswe, nti zasomwe, eka na za sentare nti zashashe. Abagiye kwitura ubutungane ku misi wa mbere, nti bakiriwe. Abari bavuye kure cane nko mu gihugu hagati gushika i Bujumbura, batubwiye ko bababaye cane, kuko ngo agahombo ari kenshi, uravye amahera y'inahuri yo kumanuka I Bujumbura no gusubira inyuma, hamwe n’ayo kuriha uburaro n’ibifungurwa, tutibagiye kuzogaruka.

Abo bakozi bafasha abacamanza, basaba amategeko abagenga mashasha, akabaha n’akarusho ku gashara. Reta ngo yari yaravyemeye mu mwaka w'i 2001, ariko ngo nti yigeze ibishira mu ngiro, kubera bisaba amafaranga atari make. Kandi ngo abo bakozi nti bigeze bafatwa nk'abantu bafise akamaro kanini mu butungane, kubera ko badaca imanza. Melance Nahayo arongoye sendika y'abo bakozi, ari nayo yateye akamo ko guhagarika akazi, avuga ko harimwo akagaye, kandi ngo nti bazosubira ku kazi bataronse inyishu ishimishije.

Mu kwezi kwa gatatu guheze, abo bakozi barigeze guhagarika akazi kubera izo mvo nyene, ariko reta yaciye yemera gushinga umugwi uganira n’abo bakozi kugira ngo bihweze ivyo basaba. Melance Nahayo aserukira abo bakozi avuga ko uwo mugwi ata kintu kiboneka urakora gushika ubu, kandi abo bafasha b'abacamanza bamaze umwa urenga barahawe amategeko mashasha abagenga kandi yabemerera kwongerwa agashahara bimwe biboneka. Mu bushikiranganji bujejwe ubutungane bavuga n'ubu ko ibiganiro bizobandanya.

Mu bushikiranganji bujejwe ubutungane havugwa cane akageso kurya ibiturire, kandi kenshi ugasanga ako kageso gatangurira hasi mu bandika imanza, kubera ko aribo bafise agashahara atako kifashe. Benshi nti bashikana ibihumbi mirongo itatu ku kwezi, n’ukuvuga amadorari mirongo itatu gusa.

XS
SM
MD
LG