Uko wahagera

Abanyeshure Cumi bo mw’Ishure rya Gisirikare ISCAM Barirukanywe


Ibiro bikuru vy'intwaramiheto mu Burundi biherutse gufata ingingo yo gukura mu kazi abanyeshure cumi biga muri kaminuza ya gisirikare y'i Bujumbura. Bane muri bo bari bageze mu mwaka wa nyuma.

Insiguro zitangwa n'abajejwe inyigisho mw’ishure y’igisirikare c’Uburundi, zivuga ko abo banyeshure, bari hafi kuja mu barongora abasoda b'ibisongerezi mu ntwaramiheto, bamwe birukanywe kubera amakosa ya gisirikare bakoze mu kazi ka misi yose. Ariko ayo makosa nti yasiguwe mu binyamakuru canke mu maradiyo. Abandi ngo birukanywe hisunzwe itegeko rigenga kaminuza ya gisirikare ISCAM. Iryo tegeko ririmwo ingingo ivuga ko, umunyeshure akwijije umunyororo w'imisi mirongo itandatu n'itanu, aca yirukanwa.

Mu ntambara Uburundi bwahoramwo, ibitigiri vy'abasirikare vyagiye biriyongera, bija kwunyuka igihe hongewemwo abahoze barwanya reta. Mur’iki gihe ibitigi vy'abasirikare b’Uburundi nti bizwi neza, ariko abarongoye ugwego gwa gisirikare n'Ibanki y'isi yose baremeza kw'igitigiri c’abasirikare b’Uburundi ari umurengera, bakaba bumvikanye kw’ico gitigiri kigiye kugabanywa gushika ku bihumbi cumi na bitanu mu gisirikare, na mirongo ibiri na bitanu mu giporisi.

Abakurwa mu gisoda kubera amakosa babandanya kwiyongera. Ibitigiri vy'abasuma bitwaje ibirwanisho navyo nyene birabandanya kwiyongera, kandi kenshi na kenshi abafatwa usanga ari abahoze mu gisoda. Igisoda c'Uburundi n’igisata gikoresha amafaranga menshi cane, Ibanki y'isi yose ikaba yama na ntaryo yasavye ko yogabanurwa.

XS
SM
MD
LG