Impunzi z'abarundi ziherutse gushika muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika zivuga ko ziriko ziramenyera ubuzima bushasha, naho ibintu vyinshi, bijanye n’imico, amategeko, hamwe n'ibindi vyinshi bari bamenyereye basanga bitandukanye.
Mu kiganiro twagiranye n'impunzi z'abarundi zashikijwe mu ntara zitandukanye za Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zivuga ko zakunze ukuntu abanyamerika bakundana, bafise umutima wo gutanga, kandi bicisha bugufi, bakanashaka no kumenyerana.
Yamara ngo hari ibintu vyinshi abo barundi baherutse gushika muri Amerika batazomenyera vuba. Bimwe mur'ivyo bintu, ngo n’ukuntu abafasoni n'abagabo bafise uruhara rungana mu bikorwa vyo mu rugo, aha muri reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu gihe abagabo b’abarundi bari bamenyereye kw'ibikorwa vyo mu rugo vyega abafasoni gusa.